1Kela haliho Jambho, kandi Jambho yalikumwe n' Imana, ikindi Jambho yal' Imana. 2Uwo Jambho, kela yalikumwe n' Imana. 3Ibhintu vyosi vyalemewe muliwe, nta kintu na kimwe kitavanye nawe.4Muliwe halimw' ubhugingo, kand' ubwo bhugingo nibwo bwal' umucho w' abahntu bhosi. 5Uwo mucho wasesekalila mu mwiza, kand' umwiza ntiwashobhoye kuwuzimya.6Umuntu yitwa Yohana yatumwe n' Imana. 7Yaje kubh' umushingantahe wo kuvuganila wa mucho, kugila bhosi bhabvyizele bhichiliye muliwe. 8Yohana ntiyal' uwo mucho, ahubwo yazanwe kuza kuwuvuganila.9Kuk' umucho nyakuli wali munzila uza mwa yinosi kandi niwo ushobhola kumulikila bhul' umuntu.10Yahoze mwayinosi, kandi niwe yalemy' isi, alikw' isi ntiyamumenye. 11Yaje kubhilemwa vyiwe, alikw' abhiwe ntibhamwakiliye.12Aliko kuli bhadya bhenshi bhamwakiliye, abhizey' izina dyiwe abho yabhahaye kwitw' abahana bh' Imana. 13Abha sibhadya bhavyawe n' amalaso, chankw' ugushaka kw' umubhili, chankwe gushaka kw' umuntu, ahubwo bhavyawe n' Imana.14Kandi lelo Jambho yambhay' umubhili maz' alaza kwibhela muli twebwe, twibhonel' ubwiza bwiwe, kand' ubwo bwiza bwali nk' ubw' umunt' atameze nk' abhandi amanuk' ava kwa Data, yuzuy' ubhuntu n' ukuli. 15Yohana yalamuvuganiye ashil' ijwi hejul' ati ''Uwu ni wawundi navuga kuvyiwe, chagihe nabhabwila nti 'Uwuzoza hanyuma yanje niwe mukulu kunduta njewe, kuko yabhayeho ntalabheho''.16Kuko mul' ubwo bwuzule bwiwe twesi twakiliy' ubhuntu k' ubhuntu kand' atacho dutanze. 17Kand' amategeko yazanwe bhichiliye muli Mose, alik' ubhuntu hamwe n' ukuli vyaje bhichiliye muli Yesu Kiristo. 18Nta muntu bhutu yigeze kubhon' Imana nalimwe. Alikw' umwe gus' aliwe Mana, kandi yama mugatuntu kwa Data niwe wenyene ya muhishuye.19Uku nikwo Yohana yishuye chagih' abhahelezi hamwe n' abhalewi bhatumwe n' Abhayuda kumubhaza bhati ''Wewe wobh' ulinde?'' 20Atitangiliye, kandi atabhihakanye yalabhishuy' ati ''Njewe sindi Kiristo''. 21Bhongela kumubhaza bhati ''None wewe wobh' ulinde? Uli Eliya? Alabhishul' ati ''Oya si ndiwe''. Bhalabhaza bhati ''''Wewe ul' Umuvugishwa?'' Alabhishul' ati ''Oya''.22Maze bhalamubwila bhati ''None wewe ulinde kugila tubhon' ukwo twosubhiza bhadya bhadutumye''? Wivuga gute? 23Alavug' ati ''Njewe nd' ijwi dy' uwusemelela mubhugalagwa: Ni mugolol' inzila y' Umwami, nkuko vyavuzwe na Yesaya Umuvugishwa.''24Hadya halih' abhantu bhali bhatumwe n' abhafarisayo. Bhalamubhaza bhati 25''None ko wewe utali Kiristo chankwe Eliya, chankw' Umuvugishwa, ni kubheliki ubhatiza?26Yohana yalabhishuy' ati ''Njewe mbhatiza mu mazi, aliko hagati muli mwebwe hahagaz' uwo mutameny. 27Uwo niw' azoza munyuma yanje. Sinemelewe no guhambhulul' imigozi y' ibhilato vyiwe''. 28Ivyo vyakolekey' Ibetaniya, hakudya ya Yorodni aho Yohana yabhatiliza.29Kumubhagwa wakulikiyeho Yohana yabhonye Yesu alikw' alaza maz' alavug' ati '' Nimulabh' umwana w' intama yikoley' ichaha cha yinosi! 30uwo niwe nabhabwiye mvuga nti ''Udy' azoz' inyuma yanje niwe mukulu kuli njewe, kuko yaliho ntalabheho' 31Sina mumenya , aliko vyabhaye bhityo kugil' amenyekane mul' Isirayeli, yuko naje mbhatiza mu mazi.''32Yohana alabhabwil' ati ''Nabhonye Mpwemu Yela amanuk' ava mwijulu ameze nk' inuma, amugumako. 33Njewe sinamumenye aliko niwe yandugiche kubhatiza mu mazi , yambwiy' ati '' Udya uwo uza kubhona Mpwemu Yela amumanukiye, uwo niw' abhatiza muli Mpwemu Yela. 34Nabhibhonye kandi ndavyemeza yuk' uwo alaiwe Mwana w' Imana35Kandi kumubhagwa wakulikiyeho Yohana yalikumwe n' abhigishwa bhiwe bhabhili, 36bhabhonyeYes' agendagenda; maze Yohana alabhabwil' ati ''Ni mulabh' Umwana w' intama w' Imana.''37Abhigishwa bhabhili bhumvishije Yohan' avug' ayo majambho bhacha bhakulikila Yesu. 38Maze Yes' abhabhonye alahindukil' abhabwil' ati ''Mushak' iki? Bhala mwishula bhati ''Rabhi(Lisobhanuye ngo Mwigisha) ubha hehe?'' 39Alabhabwil' ati ''Ni muze mwilabhile'' . Maze bhalagenda bhalahabhona , kandi bhiligwana nawe kuko hali kugihe nk' isaha ichumi.40Umwe muli bhadya bhabhili bhumvishije Yohana bhagakulikila Yesu yali Andereya mwenewabho wa Simoni Petero. 41Abhona Simoni mwene nyina alamubwil' ati ''Twabhonye Mesiya''(Bhisobhanuye ngo Kiristo). 42Amuzana kuli Yesu . Yes' alamulabha maz' amubwil' ati ''wewe uli Simoni mwene Yohana kandi wew' uzokwitwa 'Kefa'(Lisobhanuye Petero)''43Ku mubhagwa wakulikiye Yesu yashaka kugend' Igalilaya, yahuye na Filipo maz' amubwil' ati ''Nkulikila'' 44Filipo nawe nyene hyava Ibetisayida umuji wa Andereya na Petero. 45Filipo yagiy' ahula na Nataniyeli alamubwil'ati ''Twalonse wawundi twandikigwa na Mose mu Vyagezwe hamwe no mubhavugishwa. Yesu mwene Yozefu, w' Inazareti.46Maze Natanayeli alamubhaz' ati ''Bhudya ikintu chiza choza kiv' Inazareti? Filip' alamwishul' ati ''Wewe nuze wilabhile'' 47Yes' abhona Natanayeli alikw' alaza kuliwe maz' alavug' ati ''Labh' Umuosirayeli nyakuli atagil' ubhudyadya mu mutima wiwe''! 48Natanayeli alamubwil' ati ''Wamaze kumenya njewe? '' Yes' alamubwil' ati ''Igihe Filipo yaguhamagala wichaye musi y' igiti nakubhonye''.49Natanayeli yishul' ati ''Rabhi wewe ul' Umwana w' Imana! Wewe niwe Mwami wa Isirayeli!'' 50Yes' alishul' ati ''Kuko nakubwiy' ati nakubhonye munsi y' igiti , uchiye wizela? uzobhon' ibhikomeye bhisumbh' ibhi'' 51Yes' alavug' ati Nimwizele , nimwizele, ndabhabwile neza yuko muzobhon' ijulu dyuguluche, abhamalayika bhamanuka bhaduga hejulu y' U,mwana w' Umuntiu''
1Hanyuma y' imis' itatu hal' ubhukwe Ikana y' Igalilaya kandi Yesu yaliyo hamwe n' abhigishwa bhiwe hamwe na nyina. 2Yesu hamwe n' abhigishwa bhiwe bhali bhatumiwe mul' ubwo bhukwe.3Igihe bhali bhahelewe n' idivayi nyina wiwe alamubwil' ati ''Nta divayi bhafise'' 4Maze Yes' alamwishul' ati ''Wa mugolewe! Ivyo bhilandebha gute? Igihe chanje ntikilashika'' 5Nyina wiw' abwil' abhakoz' ati ''Ich' aza kubhabwila chosi mugikole.6Haliy' imibhindi mukaga y' amabhuye yali yasizweho kubwo kunabha mu mibhagwa mikulu y' abhayuda, bhuli kibhindi chuzuzwa n' inkono zibhili zitatu. 7Yes' alabhabwil' ati '' Ni mwuzuz' amazi muli' ivyo bhibhindi vy' amabhuye. Maze bhalavyuzuza bhilasesekala 8Maz' abwila bhabhakoz' ati ''Ni muvome makeyi mutwalil' umukozi mukulu w' Imeza'' Bhakola nkuko yabhabwiye.9Umukulu w' ubhukwe yumviliza ya maz yabhay' idoivayi aliko ntiyameny' iyo bhayavanye(Alikw' abhakozi bhavomy' ayo mazi bhalameny' iyo bhayavanye). Maz' ahamagal' Umukwe 10alamubwil' ati ''Umuntu wesi yam' agabhulil' abhantu idivayi naziza bhamaze guhaga akabhahelez' iyitameze neza. Aliko weho watubhikiye nziza kugez' ubhu.''11Iki gitangaza ch' Ikana y' Igalilaya chal' intango y' ibhimenyecho vyosi Yesu yakoze yiyelekan' ubwiza bwiwe maz' abhigishwa bhiwe bhalamwizela12Hanyuma y' ivyo Yesu, nyina wiwe hamwe n' abhigishwa bhiwe bhagiy' Ikaperenawomu bhabhayo mu mibhagwa mike.13Nuko Pasika y' abhayuda yali hafi , maze Yesu yelekez' Iyerusalemu. 14Ageze mulusengelo asangamw' abhaguliza mw' Inka, intama hamwe n' inuma. Kandi halimwo n' abhachenjul' amahela bhichaye mulusengelo.15Maze Yes' akol' inkoni y' amapfundo, asohola hanze bhadya bhosi bhali bhichaye mulusengelo, hamwe n' inka, n' intama. Asesa has' amahela y' abhachenjuzi yongelakw' ahenagul' amameza yabho. 16Abwila bhadya bhaguz' inum' ati ''Ni mubhivanemwo hano, ntimuhundul' inzu yanje kubha nk' akagulilo''.17Maz' abhigishwa bhiwe bhibhuka yuko handichwe ngo ''Ishavu dy' inzu yawe lizonyuzula' 18Abhakulu bh' Abhayuda bhalamwishula bhati ''Ukol' igitangaza kimeze gute kugila tumeny' ubhushobhozi bhubhigukolesha? 19Yes' alabhishul' ati ''Ni musenyule luno lusengelo nanje nzogwubhaka mumibhagw' itatu.''20Maz' abhakulu bh' Abhayuda bhalavuga bhati ''Ulu Lusengelo gwatway' imyaka milongwine na mukaga kugwubhaka naw' ulavuga ngo wogwubhaka mu mibhagw' itatu gusa? 21Aliko wewe yabhabwiy' ulusengelo kubhijanye n' umubhili wiwe. 22Maz' amaze kuzuka mubhapfuye nih' abhigishwa bhiwe bhavyibhuka maze bhib hatela kwizel' ivyandichwe hamwe n' ivyo Yesu yavuze vyosi.23Igihe yal' Iyerusalemu kumusi wa Pasika, kumusi mukulu niho bhenshi bhizey' izina dyiwe, bhamaze kubhon' ibhitangaza n' ibhimenyecho yakola. 24Aliko Yesu ntiyabhizeye kuko yalimeny' imitima y' abhantu bhosi. 25Ntiyalinda kubwigw' ukw' abhantu bhameze kuko yalameny' ibhibhalimwo.
1Maze halih' umuntu w' umufarisayo yitwa Nikodemu umwe mu bhakulu bh' umugwi mukulu w' Abhayuda. 2Uwo muntu yaje kuli Yesu mwijolo maz' alamubwil' ati ''Rabhi, tulamenya neza yuko wewe ul' Umwigisha yavuye ku Mana ,kuko nta munto yoshobhola gukola hene bhino bhitanagaza vyosi atalukw' Iman' ilikumwe nawe.''3Yes' alamwishul' ati ''Nukuli ndakubwile neza ; nta muntu numwe yokwinjila mu bwami bw' Imana atabhanjije kuvuk' ubwa kabhili'' . 4Nikodemu alabhaz' ati ''Umuntu yoshobhol' ate kwongela kuvuka kand' ashaje? Ntiyoshobhola kwinjila mu nda ya nyina wiwe ngw' avuk' ubwakabhili, non' ivyo vyoshobhoka?''5Yes' alishul' ati ''Nukuli ndakubwile neza umuntu wes' atavyawe mu mazi hamwe no muli Mpwemu, ntiyoshobhola kwinjila mu bwami bw' Imana. 6Ikivyawe mu mubhili n' umubhili ka nd' i,ivyawe na Mpwemu nacho n' impwemu.7Ntibhigutangaze kuko nakubwiye yuko bhibheleye kubhanza kuvuk' ubwakabhili. 8Umuyaga wam' uhuhuta welekez' iyo wishakiye, twesi twumv' ijwi dyawo aliko ntawomeny' iy' uva n' iy' uja. Ukwo nikwo bhimeze kumuntu yavyawe na mpwemu.9Maze Nikodemu alamubwil' ati ''Ivyo vyoshobhoka gute? 10UYes' alamweishul' ati ''Ni wewe mwigisha wa Isirayeli kandi ntumenya bhino bhintu? 11Nukuli ndakubwile neza kidya cho tumenya tulache,eza dukolesheje kidya cho twabhonye. Aliko mwenbwe ntimwakil' inkulu zachu.12N i mwabha mudashobhola kwizel' ibhintu vya yinosi mwoshobhola gute kwizela ninabhabwil' ivyo m,wijulu? 13Kuko ntawagiye mwijulu atal' uwamanuche aliwe Mwana w' Umuntu.14Kudya Mose yamaniche ya nzoka haliya mubhugalagwa ukwo nikw' Umwana w' Umunta' azomanikwa hejulu, 15kugila bhosi bhazomwizela bhabhon' ubhugingo bhuholaho.16Uku nikw' Imaa yakunza' abhali mwisi , maz' itangu mwana way' umwe gusa, kugila bhul' umuntu wes' amwizeye ntazozimil' ahubwo yakil' ubhugingo bhuholaho. 17Imana ntiyalungich' Umwana wayo guchil' isi ulubhanza , ahubwo kugil' isi yakail' agakiza. 18Uwumwizela wesi ntazochigwak' ulubhanza. Uwutamwizela wesi yalachiliwek' ulubhanza , kukw' atizey' izina dy'Umwan' Umwe gusa 19Iki nicho kizotuma habhah' ulubhanza, nukw' umucho waje mwisi alikw' abhantu bhagakund' umwijima gusumv' umucho kukw' ibhikogwa vyabho vyali bhibhi. 20Umuntu wes' akol' ibhibhi yank' umucho , kandi ntiyoza mu mucho kukw' atinya yukw' ibhikogwa vyiwe vyobhonwa. 21Alik' umuntu wes' akol' ivy' ukuli aza mu mucho kugil' ivy' akola bhibhoneke yukw' alivyo gushimish' Imana.22Hanyuma yivyo Yesu yajanye n' abhigishwa bhiwe Ibhuyuda , yiligwanayo nabho abhatiza. 23Maze Yohana nawe yabhatili' Iainoni luhande y' Isdalemu kukw' aho haliy' amazi menshi. Abhantu bhamusangayo alabhabhatiza, 24kuko Yohana ntiyali bwatabhwe mw' ibhohelo.25Maze habhaho guhalila hagati y' abhigishwa bha Yohana hamwe n' Umuyuda umwe kuvyelekelanye n' imibhagwa mikulu yo kwezwa. 26Maze bhalagenda kwa Yohana bhalamubwila bhati ''Rabhi wa wundi yali hakudya y' uluzi gwa Yorodani, umwe washingil' intahe, alabhatiza kand' akulikigwa n' abhantu bhosi.''27Yohan' alabhishul' ati ''Nta muntu yokwishobhoza na kimwe atabhihawe kuva mwijulu. 28Ni mwebwe vyabhona vyanje yuko nabhabwiye yuko njewe ntali Kiristo, ahubwo nabhabwiye yuko nalungichwe kumutegulila29Uwufis' umugeni niwe mukwe. Umugenzi w' umukwe nawe anezelezwa no guhagalala yumviliz' ijwi dyu mukwe. Umunezelo wanje lelo ulakwijijwe. 30Uwo bhikwiliye yukw' akomeza maze njewe nkagabhanuka.31Uwavuye mwijulu niwe nyene vyosi. Uwa yinosi yivugil' ivya yinosi. Uwuva mwijulu niwe mukulu wa vyosi. 32Niw' ashing' intahe yivyo yabhonye hamwe n' ivyo yumvishije kandi ntibhemel' intahe yiwe. 33Uwa vyemeye yabhonye neza yukw' Imana al' inyakuli.34Kuk' uwatumwe n' Imana naw' avug' amajambho y' Imana. Kuko ntitanga Mpwemu kulugelo. 35Kuko Data akund' Umwana yasize vyosi mumabhoko yiwe. 36Uwizey' uwo Mwana niw' afis' ubhugingo bhuholaho, alik' umunt' atamwubhaha ntazolonk' ubwo bhugingo bhuholaho, kuliwe hal' ulubhanza gw' Imana.
1Maze Yes' amaze kumenya yukw' abhafarisayo bhamenye yuko yigisha kand' akabhatiza bhenshi gusumvya Yohana, 2(Nubwo atali Yesu yabhatiza ahubw' abhigisha bhiwe) 3Yavuy' Ibhuyuda agend' Igalilaya.4Yasanze bhikwiliye yuko yocha hagati muli Samariya. 5Ashika mu muji w' Isamariya witwa Sikari, luhande ya hahandi Yakobo yahaye Yozefu6Iribha dya Yakobo dyalaho hantu. Kuko Yesu yali lushe yicha luhande yadyo, hali kw; isaha z' umutaga. 7Umugole w' Umusamariyakazi yaje kuvoma maze Yes' alamubwil' ati ''Ndasabh' amazi yo kunywa'' 8Kukw' abhigishwa bhiwe bhali bhagiye mu muji kugul' ivyokudya.9Wa mugol' alamubhaz' ati ''Vyoshobhoka gute wew' umuntu wu Muyuda kunsabha njew' imugole w' Umusamariya kaz' amazi yokunwa''? Kukw' abhayuda ntibhivanga n' Abhasamariya 10Yes' alamwishul' ati ''Iyo wabh' umeny' ingabhile y' Imana ukamenya nind' akubwiye ngo 'Mpa amazi' walikumusabha, kandi yali kuguhelez' amazi y' ubhugingo''.11Uwo mugol' alishul' ati ''Mwami ko mbhona udafis' indobho yo kuvomesha kandi mbhona yukw' iribha ali lile~lile; ulakula heh' ayo mazi y' ubhugingo?'' 12Mbjesi wewe wobh' usumbha data Yakobo yaduhaye lino libha kandi nawe nyene hamwe n' abhana bhiwe hamwe n' ibhitungano vyiwe bhanyoye kwa lino libha?13Yes' alishul' ati ''Umuntu wes' anywa kul' aya maz' azokwongela kunyotegwa, 14alik' uwuzonywa kumazi ntanga ntazosubhila kunyotegwa. Ahubw' ayomazi nzomuha azohinduk' ilibha lidudubhiliza muliw' ibhihe vyosi''15Wa mugole yishula Yes' ati ''Mwami numpelez' ayo mazi sinzokwongele kunyotegwa chankwe ngo ngaluke kuvom' amazi hano'' 16Yes' alamwishul' ati ''Gend' uhamagal' umugabho wawe maze wongel' ugaluke hano''17Wa mugole yishul' ati ''Nta mugabho ngila'' Yes' alamwishul' ati ''Uvuz' ukuli ngo singil' umugabho'' 18kuko wabhanye n' abhagabho bhatanu kandi nuwo mubhany' ubhu nawe sigwawe. Uvugishij' u,kuli''.19Uwo mugole yishul' ati '' Mwami ndabhona yuko wewe ul' umuvugisjhwa'' 20Bhasokulu bhasengela kwa kano kalambhi' aliko mwebwe mutubwila ngo dukwiye gusengel' Iyerusalemu.''21Yes' alamubwil' ati '' Yewe wa mugole n' unyizele kuko hal' igihe kizoza mutazosengela kwa uno mulambhi chankw' Iyerusalamu. 22Kuko mwebwe museng' icho mutameny' aliko twebwe tulameny' icho dusenga. Kand' agakiza kava mu Bhayuda.''23Aliko halih' igihe kizoza kandi kili hano, icho gih' abhasenzi bh' ukuli bhazosengela Data mu mpwemu no mukuli, kuko Data alondela henabho bhantu kugila ngo bhamusenge. 24Imana ni Mpwemu, kandi bhosi bhayisenga bhakwiliye kuyisengela mu mpwemu hamwe no mukuli''25Wa mugol' amubwil' ati ''Ndabhinya yuko Mesiy' azoza(yitwa Kiristo) Uwo namala kuza niw' azotubwila vyosi. 26Yes' alamwishul' ati '' Uwuvugana nawe niwe''27Maz' abhigishwa bhiwe bhalagaluka. Maze bhatangazwa nukw' aganila nuwo mugole nubw' atanumwe yamubhajij' ati ''Ushak' iki? chankw' ati ''Kubheliki uvugana nawe?28Uwo mugol' asig' ikindi chiwe yiluka mu muji abhibwil' abhantu. 29Ati ''Ni muze mulabh' umuntu yambwiy' ivyo nakoze vyosi bhudya ntiwosang' aliwe kiristo?'' 30Bhava mu muji bhalaza.31Kugicha mus' abhigishwa bhiwe bhalamwinginga bhati ''Rabhi n' udy' ivyokudya'' 32alikw' alabhabwil' ati ''Njewe ndqfis' ivyokudya mwebwe mutamenya'' 33Bhalabhazanya bhati 'Ubwo nta wamuzaniy' ivyokudya?34Yes' alabhabwil' at' ivyokudya vyanje nugukol' ubhugombhe bw' uwantumye kandi nkamal' igikogwa yantumye. 35Mbhesi si mwebwe muvuga muti mumez' atanu tuzosalula? Leka ndabhabwile ni mulabhe kungen' imilima yosi yamaze kwela ikabh' ikeneye gusalugwa! 36Uwusalula wesi akil' impembho kandi yeegelany' ivyimbhugwa kubw' ubhugingo bhuholaho, kugila ngo uwutela hamwe n' umusaluzi bhosi bhanezegwe.37Kuko uwu mugani n' uwu' ukuli ngo 'Umwe alatela uwund' agasalula' 38Nabhalungiche gusalul' ivyo mutavunikiye, abhandi bhalakoze namwe mwinjiye mumu nezelo w' imilimo yabho.''39Bhenshi mubhasamariya bhalamwizela kubw' ijambho dya wa Musamariyakazi yabhashingil' intahe ngo ''yambwiy' ivyo nakoze vyosi'' 40Abhasamaliya bhaje bhamusabha yuko yogumana nabho mu mibhagw' ibhili.41Bhenshi bhalamwizela kubw' ijambho dyiwe. 42Bhabwila wa mugole bhati '' Ubhu tulizeye si kubw' ijambho dyawe gusa kuko natwe tulamwiyumviye kandi tulamenye yukw' al' Umulokozi wa yinosi''43Hanyuma yiyo mibhagw' ibhili avayo agend' Igalilaya. 44Kukw' aliwe yali yavuz' at' Umuvugishwa ntiyokwubhahigw' iwabho mu gihugu chiwe. 45Agez' Igalilaya Abhanyagalilaya b halamwakila. Bhali bhabhony' ivyo yakoley' mIyerusalemu ku munsi mukulu, kuko nabho nyene bhali bhashengeye kumunsi mukulu.46Yongela kugend' Ikana y' Igalilaya hamwe yahindul' amazi kubha divayi. Halih' UMutwale yalifis' umwan' agwaye hiyon Ikapelenawumu. 47Amaze kwumva yuko Yesu yavuy' Ibhuyuda akaza Igalilaya yaje kuli Yes' alamwinginga kugil' amukiliz' umwana wiwe kuko yali melewe nabhi.48Maze Yes' alabhabwil' ati ''mwebwe mutabhony' ibhitangaza ntimwokwizela. 49Uwo mutwal' alamubwil' ati ''Mwigisha n' umanuke ningog' umwana wanj' atalapfa'' 50Yes' alamubwil' ati ''Ni witahil' umwana wawe ni muzima''. Uwo muntu yizel' ijambho dya Yesu maqz' alagenda.51Akimanuk' abhakozi bhiwe bahaza kumusanganila bhamubwila yuko wa mwana wiwe yakize 52Abhabhaz' ati ni dyali yatoy' agahengwe? Bhalishula bhati ''Ni nijolo nki saha mushanju nih' inyonko yamuvako''53Maze se wiw' amenya yukw' alichagihe nyene Yesu yamubwil' at' Umwana wawe ni muzima''. Maze yizelana n' abhiwe bhosi. 54Icho nicho ,kimenyecho cha kabhili Yesu yakoz' amaze kuv' Iyudaya agend' Igalilaya.
1Hanyuma yivyo halih' umusi mukulu w' Abhayuda maze Yes' adug' Iyerusalemu. 2Kand' Iyerusalemu kw' ilembho dy' intama halih' ilibha dyitwa mugihebhulayo ngo Betizata kandi dyali lifis' ibhibha~mbhasi bhitanu. 3Abhagwayi bhenshi hamwe n' impumyi, ibhimuga n' abhahetamye bhali bhadyamye mw' ivyo bhibha~mbhasi. (Menya: Amajambho y' umulongo wa 3 ntiwoyabhona mu nyandiko nziza za kela; ngo ''Bhalindiliy' amaz' adubhagulika''. ) Kuko hal' igihe lunaka Umumalayika yamanuka mwidyo libha akayadubhagula. 4Maz' udya yabh' uwambhele kwinjilamwo hanyuma yukw' adubhaguwe yalakil' ikintu chosi yabh' agwaye mwako kanya.5Halih' Umunt' umwe yali maz' imyaka milongw' itatu n' umunani adyamye mw' ivyo bhib hambhasi agwaliyeho 6Yes' amubhony' adyamye ngaho mubhibhibhambhasi kand' amaze kumenya yukw' amaz' imyaka myishi ngaho maz' alamubwil' ati ''Mbhesi wobh' ushaka kubha muzima?''7Wa mugway' alamubwil' ati ''Mwami wanje simfis' umuntu wo kunyinjiza mu mazi hady' adubhaguwe, Bhul' ukwo ngelegeje kwinjilamwo nsanga halih' umuntu yakelebhiuche kwinjilamwo. 8Yes' alamubwil' ati ''Haguluka wikolel' igodoro dyawe wigile''.9Maze wa munt' akila kandi yikolel' igitanda chiw' alagenda . Kandi vyakozwe kumubhagwa w' Isabhato.10Maz' abhayuda bhabwila wa muntu yakijijw' ati '' Uwu n' umubhagwa w' isabhato kandi ntivyemewe kwikolel' igodolo dyawe. '' 11Alabhishul' ati ''Uwa nkijije niwe yambwiy' ati 'ikolel' igodolo dyawe wigendele''12Bhalamubhaza bhat' ''uwo yakubwiye ngo wikolel' igodolo dyawe ninde/'' 13Alikuwo yakijijwe ntiyamumenye kuko Yesu yali yabhavuyemwo mwibhanga. Kuko halih' abhantu bhenshi.14Hanyuma yivyo Yesu yamusanze mulusengelo maz' alamubwil' ati ''Labha wakijijwe, 'ntuzosubhile gukol' ichaha kuko wohav' uhula n' ibhilemeleye gusumbhaho'' 15Maze wa muntu alagend' abwil' Abhayuda yukw' ali Yesu yamukijije.16Abhayuda bhagilila nabhi Yesu kuko yabhikoze kumubhagwa w' isabhato. 17Yes' alabhabwil' ati ''Data wanje alachakola nicho gituma nanje nkomeza gukola'' 18Kubw' ivyo Abhayuda bhakomeje guhig' ukwo bhomwicha si kubwo kubhikola kumusi w' isabhato gusa ahubwo kuko yongey' akit'Imana kw' aliyo Se akisusisha n' Imana.19Yes' alabhishul' ati ''Nukuli ndabhabwile neza yuk' Umwan' adashobhola gukol' ikintu na kimwe atali kidya yabhonye Se wiw' akola. Kuko kidya Se wiw' akola nicho n' Umwana azokola. 20Kuko Data akund' Umwana kand' amwelek' ivyakola vyosi, akazomweleka n' ibhindi bhinini kugila mukomeze gutangazwa.''21Kuko nkakudya Dat' azul' abhapfuye akabhaha kubha bhazima, ukwo nikwo n' Umwana naw' abhaihelez' uwo yishakiye. 22Kuko Data ntachil' umuntu numw' ulubhanza ahubw' imanza zosi yazihay' Umwana, 23kugila bhosi bhubhah' Umwana nkoko nawe yubhaha Se. Uwutubhah' Umwana ntabha yubhaha na Se ya mulungiche.24Nukuli ndabhabwile neza , umuntu wesi yumv' ijambho dyanje maz' akizel' uwantumye uwo niw' afis' ubhugingo bhuholaho kandi ntazochigwak' ulubhanza. Ahubwo yalamaze gucha, mulupfu yinjila mubhugingo.25Nukuli ndabhabwile neza yuko hal' igihe kandi nubhu nyene kiliho abhapfu bhazokwumv' ijwi dy' U, mwana w' Imanakand' abhazodyumva bhosi bhazobhaho26Kuko nka kudya Dat' afis' ubhugingo ,uliwe, 27nikwo yagabhiy' Umwana kugil' ubhugingo muliwe, kandi yamuhaye n' ubhushobhozi bwo guch' imanza kukw' al' U,wana w'Umuntu.28Ivyo ntibhibhatangaze kuko hal' igihe kiza ch' abhapfuye bhali mu mazikilo bhazokwumv' ijwi dyiwe, 29maze bhazosohoka hanze: Abhakoz' ivyiza bhazuligw' ubhugingo kand' abhakoz' ibhizila nabho bhazuligw' ulubhanza.30Nta na kimwe nokola nishobhoje. Ukwo numva nikwo nch; imanza kand' ulubhanza gwanje n' ugw' ukugololoka kuko si ndondel' ivyanje, ahubwo ndondela gukol' ivy' uwantumye. 31Iyo nabh' alai njewe nivuganila intahe yanje yoibhay' iy' ubhubheshi. 32Halih' uwund' amvuganila kandi menya neza yukw' ivy' amvugaho al' ivy' ukuli.33Mwatumye kwa Yohana kandi yanshingiy' intahe. 34Alikw' intahe yanje s' iyabhantu. Ibhi ndabhibwila kugila mubhashe kulokogwa. 35Yohana dyal' itala dyaka kandi likayangana, mugihe gitoyi mwalanezelejwe n' umucho wiwe.36Ukuli mfise gusumvya kudya kewa Yohana, kwelekanwa mubhikogwa Data yampaye gushicha; ibhikogwa nkola vyelekana yuko Data yantumye. 37Kandi na Data yantumye nawe nyen' alanshingil' intahe. Ntimwigeze kwumv' ijwi dyiwe kandi ntimuligela mumutung' ijisho na limwe. 38Ijambho dyiwe ntilili muli mwebwe kuko mutizel' uwo yatumye.39Mwama mulasoma mu vyandichwe mwibhaza ngo halimw' ubhugingo aliko nivyo bhinshingil' intaje 40kandi mwanka kunzako kugila ndabhah' ubhugingo bhuholaho.41Si nakil' ichubhahilo ch' abhantu, 42kuko ndamenya neza yuko muli mwebwe hatalimw' ulukundo.43Naje mwizina dya Data aliko ntimwanyakiliye. Aliko hagiz' uwundi yoza mwizina dyiwe mwo mwakila. 44None mwebwe mwoshobhola gute kwizela kandi mukunda guhan' ichubhahilo aliko mukananigwa guhig' ichibhahilo kiva ku Mana yonyene?45Nti mugile ngo njewe nzobhalega kuli Data. Uwubhalega ni Mose, kukw' aliwe mwasizekw' ivyizigilo. 46Iyo mwabha mwizeye Mose mwonyizeye kuko yandiche ku nkulu zanje. 47Ni mwqabha mutizey' ivyo yandiche mwoshobhola gute kwizel' amajambho yanje?
1Hanyuma yivyo Yesu yelekeje mu mpande z' ikiyaga ch' Igalilaya, kandi chitwa Tiberiya. 2Ikolanilo dy' abhantu bhagenda bhamukulikila kuko bhabhon' obhikogwa vyiwe vyo gukiz' abhagwaye. 3Yesu yulila hejulu kukalambhi yichalanayo n' abhigishwa bhiwe.4(Wa musi mukulu w' Abhayuda witwa Pasika wali wegeleje). 5Yesu yunamuy' amaso abhona bhenshi bhaza kuliwe maz' abwila Filip' ati ''Tulagula hehe imikate kugila dufungulile bhano bhantu bhadye''? 6(Aliko yabhibewiye Filipo kugil' amupime kuko wewe yalimeny' ichogukola).7Maze Filipo alamwishul' ati nubwo twogul' imikate y' Idenaliy' amajan' abhili ntacho yobhamalila , ntibholonka bhul' umuntu agapande gatoya. 8Andereya , umwe mulibho kandi ni mwenewabho na Simoni Petero alamaubwila 9Yes' ati ''Hano dufis' umuhung' afisi mikat' itanu ha,we n' ifi zibhi;o, aliko vyomal' iki kuli bhano bhantu bhenshi guti''?10Yes' alabhabwil' ati ''Ni mwichalik' abahanyu hasi(Aho hantu halih' ivyachi vyinsi). Abhagabho bhagel' ibhihu,mbhi bhitanu bhavyichalako. 11Maze Yes' atola ya mikat' itanu alashima, ayiheleza bhadya bhichaye. Kandi n' ifi nazo nyene alazibhagabhulila nkukwo bhali bhakeneye. 12Abhantu bhamaze guhaga, yabwiy' abhigishwa bhiw' ati ''Ni mwegelany' ivyo bhivunji vyasigaye ntimutakaze na kimwe."13Maze bhalavyegelanya bhakulamw' ibhikapu chumi na bhibhili, vy' ibhimanyu bhitanu vy' umukate w' ishayiri vyasigajwe na bhadya bhaliye. 14Abhantu bhabhony' icho kumenyecho bhalavuga bhati ''Nukuli uwo ni wa muvugishwa twabwigwa yukw' alikw' alaza mwayinosi''. 15Yes' amaze kumenya yuko bhashaka kumufata ngo bhamuhindul' umwami wabho alitandukanya agenda hejulu kukalambhi wenyene.16Hageze kukagolobha abhigishwa bhiwe bhalamanuka bhaja muluzi. 17Bhulil' ubwato bhelekez' Ikapelenawumu. (Bhulila kandi Yesu ntiyali bwaze ngo bhamubhone.) 18Ikiyaga kimela nabhi kubw' inkubhi y' umuyaga.19Abhigishwa bhiwe bhamaze gusuz' ingafi nka milongw' ibhili na zitanu kugeza milongw' itatu bhabhona Yes' aza hejulu y' amazi y' ikiyaga ; yegeley' ubwato bhalamutinya. 20Alikw' alabhabwil' ati ''Ni njewe !Ntimutinye'' 21Bhamwinjiza mu bwato maze mukanya gatoyi bhashika ku nkombhe.22Umubhagwa wakulikiyeho ikolanilo lilaza maze bhabhona yukw' atabwato bhundi bhuliho, bhabhona bwabhundi bwali bwuliwe na Yesu hamwe n' abhigishwa bhiwe, kandi yukw' abhigishwa bhiwe bhafsh' inzila yabho bhonyene. 23(Aliko hal' ayandi mato yaj' av' Itiberiya hamwe bhalila ya mikate chagih' Umwami yashima.)24Maz' ikolanilo libhona yukw' Abhigishwa hamwe na Yesu nyene bhatali ngaho; maze bhulil' amatoi bha bhanza kumusakanya Yesu Ikapelenawumu. 25Bhamusanze kulundi luhande bhalamubwila bhati ''Rabi wagez' ino dyali?''26Yes' alabhishul' ati Nukuli nukuli mwebwe ntimunsha si ku kubw' ibhitangaza n' uko mwaliye ya mikate mugahaga. 27Ntimugakolel' ivyokudya kuko vyononekala, ahybwo mwame mukolel' ivyokudya vy' ubhuzima bhuholaho bhitangwa n' Umwana w' Umuntu kukw' Imana yamushizekw' ikimenyecho28Maze bhalamubwila bhati ''None dukwiliye gukol' iki kugila dukol' ibhikogwa vy' Imana? 29Yes' alabhishul' ati ''Iki nicho gikogwa ch' Imana yuko mwizel' uwo yatumye''.30Maze bhalamubwila bhati ''None n' ibhitangazaki , kugil' ubhikole kugila tubhibhone tukwizele? Ukol' iki? 31Bhasokulu bhachu bhaliye Mana haliya mubhugalagwa kuko vyandichwe ngo ''Yabhahay' ukate wo mwijulu kugila bhadye.''32Maze Yes' abhishul' ati ''Nukuli nukuli si Mose yabahahay' umukat' uva mwijulu ahaubwo nin Data kukw' abhah' ukate w' ukul' umanuk' uva mwijulu. 33Kuk' umukate w' Imana ni wawund' umanuk' uva mwijulu kandi niwo uhelez' isi ubhugingo. 34Bhalamwishula bhati mwami n' uduhelez' uwo mukate mubhihe vyosi''.35Yes' alabhabwil' ati ''Ni njewe mukate w' ubhugingo kand' uwundiye wesi ntazosonza kandi ntazobhon' inyota na limwe.'' 36Aliko nalabhabwiye yuko nubwo mwqambhonye, kandi mukomeza kutanyizela. 37Abho nahawe na Data bhosi bhazoza kuli njewe, kandi bhul' umunt' anzako sinzomutelela hanze.38Kuko sinavanywe mw' ijulu no gukol' ivyo nishakila alaiko naje gukol' ivyo Data yantumye. 39Kand' ibhi nivyo Data wanje yipfuza nuko ntotakaza n' umwe mubho yampaye, ahubwo nzobhazule kumusi w' ihelezo. 40Ubhu nibwo bhugombhe bw' Imana yuko bhul' u,muntu wes' alabh' Umwan' Kimwizela yakil' ubhugingo bhuholaho; kandi nanje nzomuzula kumusi w' ihelezo.41Maz' Abhayuda bhalamushavulila kubw' ijambho yavuz' ati ''Ni njewe mukat' uva ,w' ijulu'' 42Bhalabhazasnya bhati ''Uwo si nYesu ,mwene Yozefu, kandi se na nyina tukabha tubhamenya? Bhigenze gute none kw' atubwila ngo ''Namache mva mwijulu?''43Yes' alabhishul' ati ''Ntimwido~dombhelane '' 44Nta muntu numwe nyoshobhola kuza kuli njewe adakwezwe na Data yandungiche, kandi nanje nzomuzula kumusi w' ihelezo. 45Kuko muvy' abhavugishwa handichwe ngo ''Bhazokwigishwa n' Imana '' Uwumva wesi maz' akigishwa na Data niw' aza kuli njewe.46Ntibhisobhanuye ngo haliho numwe yobha yalabhonye Data alik' uwavuye ku Mana niwe yabhonye Data. 47Nukuli lelo uwizeye wesi alafis' ubhugingo bhuholaho.48Ni njewe mukate w' ubhuzima. 49abhakulambhele bhanyu bhaliye manu m' ubhugalagwa maze bhalapfa.50Uwu niwo mukate uva mw' ijulu kugila bhul' umuntu wesi awudyaho ntazopfe. 51Ni njewe mukate uholahp wamach' uva mw' ijulu. Uwuzowudyaho wes' azokwakil' ubhugingo bhuholaho. Umukate wo nzotanga n' Umubhili wanje kubw' ubhugingo bwayinosi''.52Abhayuda bhalamushavulila bhalabhazanya bhati '' Uwu muntu yoshobhol' ate kuduhelez' u,ubhili wiwe ngo tuwudye? '' 53Yes' alabhishul' ati '' Nukuli ndabhabwile neza yuko mutaliy' umubhili w' Umwana w' Umunti mukanywa n' amalaso yiwe, ntabhugingo muzogila muli mwebwe.54Umuntu wes' adya kumubhili wanje kand' akanyw' amalaso yanje niw' afis' ubhugingo bhuholaho kamdi nzomuzula kumusi w' ihelezo. 55Kuk' umubhili wanje niwo chokudya ch' ukuli kandi n' amalaso yanje niyo chokunywa ch' ukuli. 56Uwudy' umubhili wanje maz' akanywa ku malaso yanje abha muli njewe nanje nkabha muli we.57Nkuko Data wanje nyen' ubhugingo yantumye kandi nkuko nanje mbhayeho kubwa Data kandi nawe nuyen' akabhaho kubwanje. 58Uwu niwo mukate umanuk' uva mw' ijulu, si nka wawundi bhasokulu bhadfya bhagapfa. Uwuwuwdya wesi ntazokwongela gupfa. 59Yesu yabhivugiye mw' Isinagogi alaimw' alaigish' Ikapelenawumu60Bhenshi bho mubhigishwa bhiwe bhavyumvishije bhalavuga bhati'' Iki chigisho kilalemeleye none ninde yoshobhola kiuchakila?'' 61Kuko Yesu yabhamenye yuko bhamwidodombhela kubw' ivyo alabhabhaz' ati ''Non' ivyo bhilabhachitaje?62None bhizomela gute ni mwabhon' umwana w' Umuntu amanuch' av' iyo yahoze kela? 63Mpemu niw' atang' ubhugingo. Umubhili ntacho womala. Aya majambho niyo mpwemu kandi niyo bhugingo.64Muli mwebwe halachalimw' abhatizela. Kuko Yesu yamenya neza kuva mbhele yuko mulibho halimw' uwutizel' azomiugulisha. 65Alabhabwil' ati ''Nicho chatumye ndabhabwila yukw' atamuntu yoshobhola kuz' iwanje Data atabhimushobhoje''.66Avuz' ivyo bhenshi mu bhigishwa bhiwe bhasubhil' inyuma ntibhakunda kwongela kumukulikila . 67Yes' abhaza bhadya chumi na bhabhili ati ''Mbhesi namwe mulashaka kugenda? 68Simoni Petero alamwishul' ati ''Mwami twoja kwande, ni wewe ufis' amajambho y' ubhugingo bhuholaho. 69kandi twalizeye twemela yuko wewe ul' Uwela w' Imana.''70Yes' alabhabwil' ati ''None si njewe nabhatolanije, alik' umwe muli mwebwe si Satani? 71Aho yavuga kuli Yuda mwene Simoni wa Iskariyote, kuko yal' u,we wabho chumi na bhabhili lkandi niwe yalikumuguza.
1Ivyo bhiheze Yes' agendagendel' Igalilaya, kuko ntiyashaka kugend' Ibhuyuda kukw' Abhayuda bhakol' imigambhi yo kumwicha. 2Kand' umubhagwa mukulu w'Abhayuda w' Ibhisangate wali wegeleye.3Maze bhene wabho bhalamubwila bhati ''Uve hano ugende n' Ibhuyuda kugila n' abhigishwa bhawe bhabhon' ibhikogwa vyaw' ukola. 4Nta muntu yokolela mwibhanga abhaye ashaka yuko bhamumenya neza. Kuk' ukola bhene bhino ni wiyelekane kwissi bhakumenye.''5Kuko na bhene nyina ntibhamwizeye. 6Maze Yes' alabhabwil' ati ''Igihe chanje ntikilashika, aliko mweh' igihe chanyu chamaho bhul' umubhagwa. 7Isi ntiyoshobhola kubhanka mwebwe, yanka njewe kuko ndayagiliza yukw' ibhikogwa vyayo ali bhibhi.8Ni muduge mugende mu musi mukulu; njewe si ngenda kukw' igihe chanje kitala shika'' 9Amaze kubhibhabwila yachiy' asigal' Igalilaya.10Aliko bhene wabho bhamaze kugenda mu musi mukulu, niho nawe yagiyeyo, alaiko ntiyiyelekanye, yagiye m,ubhudyo bw' ibhanga. 11Abhayuda bhalamuhize mu musi mukulu bhalavuga bhati'' Ali hehe?''12Haliho guhalila chane hagati y' abhantu bhaje kuko bhamwe bhavuga bhati ''N' umuntu mwiza'' abhandi bhakavuga bhati ''Oya, alabhesh' ikolanilo'' 13Aliko bhabhivuga bhihishije kuko bhatinya yukw' Abhayuda bhabhumva.14Umusi mukulu umaze gushika hagati niho Yesu yaza Mulusengelo akabhanza kubhigisha. 15Abhayuda bhalatangala bhalavuga '' Kubheliki amenya vyinshi ? Uwu ntiyigeze yiga''. 16Yes' alabhishul' ati ''Ivyo ndabhigisha s' ivyanje ahubwo n' ivy' uwa ntumye.17Umuntu wesi yipfuza gukol' ubhigombhe bwiwe, azomenyeshwa zino nyigisho, amenye ko ziva ku Mana chankwe yukw' alivyo nigenela. 18Umunt' avug' ivyiwe abh' ahig' ichubhahilo chiwe gusa, alik' uwuhig' ichubhahilo ch' uwamutumye niwe w' ukuli kandi muliwe nti habhamwo kudakola kugololoche.19Mose siwe yabhahay' amategeko. None kubhel' iki mutayubhaha? Kubhel'iki mushska kunyicha? 20Ikolanilo lila mwishula liti ''Wewe ulagwaye Dayimoni, Nimde wabhony' ashaka kukwicha?21Yes' alabhishul' ati ''Nakoz' igikogwa kimwe kandi namwe mulachagitangalila. 22Mose yabhahaye gusilimula( nti vyavanye na Mose kuko bhivana n' abhakula mbhele) kandi no kw' isabhato umuntu mulamusilimula.23None bhibhaye vyemewe gusilimula kumubhagwa w' isabhato kugila ntimwich' amategeko ya Mose, none ni kubheliki munshavulila kuko nakijij' umunt' akabha muzima kumusi w' isabhato? 24Nti uze mulach' imanza zivuye kuvyo mubhona, muze mulach' imanza zigololoche.25Bhamwe mu bhantu bh' Iyerusalemu bhalabhazanya bhati ''Uwo siwe bhahiga kwicha? 26None ko tubhon' avugil' ahabhona kandi ntawomukolako. Bhudya ntiwosanga bhamenya yukw' aliwe Kiristo, wo sang' aliwe? 27Uwu tulameny' iy' ava, aliko Kiristo ntawumeny' azova hehe''.28Yes' alasemelela mukwigish' ati ''Mwebwe mulanzi kandi mulameny' iyo navuye. Si njewe ni zanye, alik' uwa nzanye niwe w' ukuli kandi mwebwe ntimu mumenya. 29Njewe ndamumenya kuko navuye kwiwe kandi niwe yantumye.''30Bhalagelageje kumufat' aliko ntawabhishobhoye kukw' igihe chiwe kitali bwagele. 31Kandi bhenshi mw' ikolanilo bhalamwizeye. Bhalavuga bhati , ''None Kiristo ni yamala kuza azokol' ibhitangaza bhisumb' ivy' uyu akola? 32Abhafarisayo bhumv' ikolanilo dyongolelana kubhimwelekeye, maz' abhakulu bha' abhahelezi hamwe n' abhafarisayo bhatum' abhatwale kumufata.33Maze Yes' alabhabwil' ati ''Halachasigaye gatoyi, ndachali kumwe namwe, aliko hanyuma nzosubhila kuwa ntumye. 34Muzo ndondela kandi ntimuzondonka, kandi ntimushobhola kuz' iyo nzoja''.35Maz' Abhayuda bhalongolelana bhati '' Uwo yobh' ashaka kujahe kugila ntituzomubhone? Azogenda kwigisha bhdya bhasabhakwilagiliye mubhihugu vy' abhagiliki? 36Ivyo bhisobhanuy' iki ngo 'Muzondondela ntimuzombhona, kandi ngw' iyo nzoja ntimushobhola kujayo?''37Kuli wa musi munini wa nyuma w' umusi mukulu Yes' alahaguluka alasemelel' ati ''Umuntu wesi yobh' anyotewe n' az' anywe. 38Uwu nyizela wesi, nkukw' ivyandichwe bhivuga, muliwe hazovamw' amalibha y' amazi y' ubhugingo.''39Aliko yabhivuze kubwa Mpwemu azokwakigwa na bhadya bhosi bhizela; Mpwemu ntiyali bwatangwe kuko Yes' atali bwashemagizwe.40Bhamwe mubhakolaniyeho bhalavuga bhati ''N' ukuli uwo n' umuvugishwa''. 41Abhadi bhat' uwo ni Kiristo.'' Alikw' abhandi bhalavuga bhatoi '' None Kiristo yov' Igalilaya? 42Ivyamdichwe ntibhivuga ngo Kiristo azova mu mudyango wa Dawudi muli Betelehemu, mu chalo Dawudi yabhamwo?43Habhaho kwitandukanya kubhijanye n' inkulu ziwe. 44Abhandi bhashaka kumufat' aliko bhananigwa kumukozakw' amabhoko.45Maze bha bhatwale bhagaluka kubhakulu bh' abhahelezi hamwe no kubhafarisayo nabho bhala`bhabhaza bhati '' Ko mutamuzanye?'' 46Abho bhatwale bhalabhishula bhati ''Nta muntu yigeze kubhonek' avuga nkawe''.47Maz' abhafarisayo bhalabhishula bhati '' Namwe yabhahubhishije? 48Mubhona haliho numwe mubhakulu chankw' abhafarisayo yamwizeye? 49Atali lino kolanilo bhatameny' amategeko, abho - abho bhalavumwe''.50Maze Nikodemu alabhabwil' (Uwo ni wawundi yaza kwa Yesu mwijolo wo mubhafarisayo) , 51Ati ''Ivyagezwe vyachu bhilatwemelela yuko duchil' ulubhanz' umuntu numwe atahawe kwilegula kugila tumeny' ich' akola?'' 52Bhalamwishula bhati ''Mbhesi nawe wobh' uva Igalilaya? Higahiga ulabhe nta Muvugishwa yigeze kuv' Igalilaya''.53(Menya neza: Amwe mumajambho ya Yohana 7:53-8:11 ntiwoyabhona mu nyandiko nziza za kela) Bhul' umunt' alataha muhila kwiwe.
1(Menya: Ibhuka insobhanulo ya Yohana 7:53-8:11ili ngaho hejulu) . Yes' aja kumulambhi w' Imizeyituni. 2Mugitondo chane yongela kuza Mulusengelo, abhantu bhalaz' abhanza kubhigisha. 3Abhandichi hamwe n' abhafarisayo bhalaza bhamuzaniy' umugole yafatiwe mubhusambhanyi bhamushila hagati.4(Menya: Ibhuka insobhanulo ya Yohana 7:53-8:11ili ngaho hejulu) . Maze bhabwila Yesu bhati ''Mwigisha uwu mugole yafatiwe mugikogwa cho gusambhana, kandi bhamufatiyeko. 5None mu mategeko yacho Mose yadutegeche yoko twotel' abhantu nkaw' amabhuye, none wewe ubhona tumugenze nte? 6Bhabhimubhajije kugila bhabhon' ukwo bhamufatisha bhakabhon' icho kumulega, aliko Yesu yunama hasi maz' alandika mubwondo akolesh' ulutoke gwiwe.7(Menya: Ibhuka insobhanulo ya Yohana 7:53-8:11ili ngaho hejulu) . Bhakomeje kumubhaza alahaguluka alabhabhaz' ati ''Uwo muli mwebwe yobh' atagil' ichaha n' abh' uwambhele kumutel' ibhuye''. 8Yongela kwunama hasi yandikish' ulutoke gwiwe mubwondo.9(Menya: Ibhuka insobhanulo ya Yohana 7:53-8:11ili ngaho hejulu). Bhamaze kuvyumva bhalasobhoka bhavaho bhul' umwe uheleye kumukulu. Munyuma Yesu bhamusiga wenka na wa mugole yali hagati yabho. 10Yes' alahaguluk' alamubhaz' ati ''Wamugolewe, abhakulega bhali hehe? Nta numwe yaguchiliy' ulubhanza? '' 11Alamubwil' ati ''Nta numwe Mwami''. Yes' alamwishul' ati ''Nanje sindaguchil' ulubhanza. Ni witahile; guhel' uwu mubhagwa n' iyindi ntuzokwongele gukol' ichaha.''12Maze Yes' abwil' abhant' ati ''Ni jewe mucho wa yinosi, uwu nkulikila wesi ntazogendela mumwiza, alikw' azobh' umucho w' ubhugingo.'' 13Abhafarisayo bhalamwishula bhati ''Wewe ni we wivugila , ivy' uga s' ivy' ukuli.''14Yes' alabhishul' ati ''Nubwo nokwivuganila alikw' ivyo mvuga nikwo kuli. Njewe ndameny' iyo navuye n' iyo nja, aliko mwebwe ntimumeny' iyo navuye kandi ntimumenya n' iyo nja. 15Mwebwe much' imanza z' umubhili gusa, aliko njewe ntawe nchil' ulubhanza. 16Kandi naho noch' ulubhanza gwam' al' ugw' ukuli kuko sindi njenyene, aliko ndikumwe na Data yantumye.17Yego, no mumategeko yanyu havuga yukw' ukuli kw' bhabhili kwemewe. 18Njewe ndivugila kandi na Data yantumye nawe nyen' alamvuganila''.19Bhalamubhaza bhati ''So wawe ali hehe ? Yes' alabhishul' ati ''Njewe nti mumenya, na Data ntimwomumenya; iyo mwamenya mwalikumenya na Data.'' 20Ivyo yabhivugiye luhande y' ubhubhiko bw' ulusengelu alikw' alabhigisha, kandi nta muntu yamufashe kukw' isaha yiwe italibwashike.21Maze yongela kubhabwil' ati ''Njewe zogenda; muzondondfela namwe muzopfila mu vyaha vyanyu. Kukw' iyo nja ntimwoshobhola kuzayo.'' 22Abhayuda bhalabhazanya bhati ''Yobh' ashaka kwiyicha, avuga ngo 'iyo ngenda ntimwojayo''?.23Yes' alabhabwil' ati ''Mwebwe muva kwisi aliko njewe mva hejulu. Mwebwe mul' abhayinosi aliko njewe sind' uwayinosi. 24Nicho gituma nabhabwiye yuko muzopfila muvyaha vyanyu. Mutemeye kwizela yuko NJEWE NDIWE muzopfila muvyaha vyanyu.''25Maze bhalamubhaza bhati ''Wewe uli nde''? Yes' alabhabwil' ati 'bhidya nabhabwiye kuva mu ntango. 26Ndafise vyinshi vyo kubhavugaho hamwe no kubhachil' ulubhanza. Alik' uwantumye n' umunyakuli; kandi bhidya namwumvanye nanje nivyo mbwil' iyisi.'' 27Ntibhasobhanukiwe yuko yavuga kuvyelekeye Se.28Yes' alavug' ati ''Ni mwamala kumanik' Umwana w' Umuntu niho muzobhona kumenya yuko NJEWE NDIWE , kandoi yuko ntakola na kimwe kubwanje. Mvuga nkuko Data yambwiye kuvuga. 29Uwa ndugich' alikumwe nanje, ntiyonsiga njenyene, kuko bhul' igihe nkola bhidya bhimunezeleza. '' 30Yes' avuz' ivyo bhenshi bhalamwizela.31Yes' abwil' Abhayuda bhamwizey' ati ''Ni mwaguma mwi jambho dyanje, niho muzoshobhola kubh' abhigishwa bhanje bh' ukuli, 32kandi muzomeny' ukuli, kubh' alikwo kubhabhohola.'' 33Bhalamwishula bhati, ''Twebwe tul' abhana bh' Abulahamu, kandi ntituligela tubh' abhaja bh' umuntu n' umwe; utubwila gute ngo ''Tuzobhohogwa?''34Yes' alabhishul' ati ''Nukuli ndabhabwile neza yukw' Umukozi w' ichaha wes' abha al' imbhohe y' ichaha''. 35Umuja ntiyichala muhila bhul' umusi alik' Umwana yamah' ibhihe vyosi. 36Nuko lelo Umwana ni yabhabhohola , muzobha mubhohowe vyukuli''.37Ndamenya yuko mul' uluvyalo gw' Abulahamu; aliko mulondela kunyivcha kukw' ijambho dyanje litali muli mwebwe. 38Ndabhabwil' ivyo nabhonye kwa Data, kandi namwe nyene mulakol' ivyo mwabhonanye so wanyu'' .39Bhalamwishula bhati ''Twebwe tul' abhana bh' Abulahamu. '' Yes' alabhabwil' ati 'iyo mwabha mul' abhana bh' Abulahamu, mwali gukol' ibhikogwa vya Abulahamu. 40Labha nubhu nmushaka kunyicha njewe nabhabwiy' ukluli yuko navyumvishije ku Mana. Abulahamu ntiyegez' akola hen' ivyo. 41Mukol' ibhikogwa vya So wanyu'' Bhalamwishula bhati ''Twebwe ntitul' abhana bh' abhasambhanano, dufise Dat' umwe giusa niwe Mana.''42Yes' alabhabwil' ati ''Iyo mwabha mul' abhana bh' Imana mwali ku nkunda njewe, kuko navuye ku Mana ; kandi sije nizanye ahubwo niyo yantumye. 43Ni kubhel' iki mudasobhanukigw' amajambho yanje? Nuko muda`shobhoye kwihanganila kwumviliz' amajambho yanje. 44Mwebwe mwavyawe na So wanyu Satani, kandi mwishakila gukol' ivyo so wanyu yipfuza. Kuva kela yal' umwichanyi kandi ntiyohagalala mukuli kuko muliwe ntakulimwo. Iy' avuz' ubhufyefya, avug' ibhingana n' ukwakoze, kuko niwe se w' ubhubheshi.45Labha n' ubhu ntimunyizela kuko ndabhabwiy' ukuli. 46None muli mwebwe nind' anyagiliz' igichumulo? Ko ndabhabwiy' ukuli ni kubheliki mutanyizela? 47Uwuva mu Mana yumv' ivy' Imana; mwebwe mntimwovyumva kuko mutavana n' Imana.''48Abhayuda bhalamwoshula bhati ''Kandi twebwe twakubwiye yuko wosanga wewe ul' Umusamaliya chankw' ukabh' ufis' abhadayimoni!? 49Yes' alabhabwil' ati ''Nta madayimoni mfise; aliko nubhaha Data, nubwo mwebwe mutanyubhaha.50Njewe sinishemagiza; halih' uwishemagiza no guch' imanza. 51Nukuli ndabhabwile neza, umuntu wes' azofat' ijambho dyanje ntazokwigel' aligata kulupfu''.52Abhayuda bhalamubwila bhati, ubhu lelo tulamenye tudakekelanya yuk' ufis' abhadayimoni. Abulahamu hamwe n' abhavugishwa bhosi bhalapfuye; aliko wewe ulavuga ng' umuntu niyitondel' ijambho dyawe ntazoligata kulupfu! 53Wewe wobh' usumbha sokulu wachu Abulahamu yapfuye? Abhavugishwa nabho nyene bhalapfuye. Wewe wibhona yuk' ulinde?54Yes' alabhishul' ati ninabha nishila hejulu ngaho intahe yanje yobh' ali' iy' ubhusa; aliko ni Data wanj' anshemagiza, kandi niwe mwita ngo n' Imana yanyu. 55Mwebwe ntimulamumenya, aliko njewe ndamuzi. Ninavuga ngo sindamumenya nobha meze nkamwe, mubhubheshi; aliko ndamuzi kand' amajambho yiwe ndayitondela. 56Sokulu wanyu Abulahamu yalanezelejwe no kubhon' umwe mumibhagwa yanje; yalayibhony' alanezegwa.''57Abhayuda bhalamubwila bhati ''Wewe ntulageze n' imyaka mi;longw' itanu , kand' uvuga walabhonye Abulahamu?'' 58Yes' alabhabwil' ati ''Nukuli ndabhabwile neza Abulahamu atalavuka NJEWE NALIHO ''. 59Maze bhatolagul' amabhuye ngo bhayamutele, aliko Yes' alabhihisha, ava hagati Mulusengelo.
1Igihe Yesu yalikw' alagenda genda yabhony' umugabho w' impumyi kuva mukuvuka kwiwe. 2Abhigishwa bhiwe bhalamubhaza bhati ''Rabhi ninde yachumuye hagati yiwe n' abhavyeyi bhiwe bhigatuma yavuch' al' impumyi? ''3Yes' alabhishul' ati '' Siwe kandi si n' abhavyeyi bhiwe, ntawachumuye, vyabhaye kugil' imilimo y' Imana yelekanwe muliwe. 4Dukwiliye gukol' ibhikogwa vy' uwa ntumye hakili kumutaga.Ijolo ligiye kuza hamw' atamuntu yokola na kimwe. 5Mugihe nkili mwa yinosi nimjewe mucho wayo''6Yes' amaze kubhivug' achil' amate hasi maz' atobh' ubwondo abhumusiga mu maso. 7Alamubwil' ati '' Genda wiyoze mwilibha Silowamu( Lisobhanuye ngo uwalungichwe) . ''Maz' uwo munt' alagenda, aliyoza , alakalabha , agaluka yamaze kubhona.8Abhabhanyi bhuwo muntu na bhadya bhahola bhamubhon' asabhililiza bhalavuga bhati, 'Uwu si waewundi yahol' asbhililiza yichaye? '' Abhandi bhalavuga bhati'' ''Niwe nyene''. 9Abhandi bhalavuga bhati '' Oya mugabho asa nawe!. Aliko we alabhabwil' ati ''Ni njewe''.10Bhalamubhaza bhati ''Mbes' amaso yawe yahumuwe gute?'' 11Alabhabwil' at' umuntu yitwa Yesu yatovy' ubwomdo abhausiga kumaso yanje alambwil' ati ''Genda Silowamu wiyoze. Maze ndagenda ndiyoza, nshobhola kubhona neza.'' 12Bhalamubhaza bhati ''Ali hehe? Alabhabwil' ati ''Si nomenya''.13Bhajana wa muntu yahol' al' impumyi kubhafarisayo. 14Kand' igihe Yesu yatobha bwa bwondo bwo kumuhumula hali kw' Isabhato. 15Maz' Abhafarisayo bho nngela kumubhaz' ukwo yakijijwe. Alabhabwil' ati '' Yashiz' ubwondo kumaso yanje ndakalabha, non' ubhu ndabhona.''16Bhamwe mu Bhasfarisayo bhalavuga bhati '' Uwu muntu ntiyavuye ku Mana kukw' atubhahiliz' isabhato''. Abhandi bhalavuga bhati ''Vyoshobhoka bhiye yuk' umuntu w' umunyavyaha yokol' ibhitangaza bhimeze guti? '' Bhibhatuma bhatandukana mu vyiyumvilo vyabho. 17Maze bhalabhaza wa muntu w' impumyi bhati'' None wewe ko yagukijije umuvugakw' iki? Maz' iyo mpumyi ilabhabwil' ati ''N' umuvugishwa''. 18Kandi Abhayuda ntibhali bhamwizeye yuko yali mpumyi akongela kubhona kugeza bhamaze guhamagal' abhavyeyi bh' uwo yakijijwe.19Bhabhaza bhabhavyeyi bhiwe bhat' uyu ni wa mwana wanyu muvuga yuko yavuch' ahumye? Vyagenze nte kugil' abhone?'' 20Abho bhavyeyi bhalishula bhati ''Tulamenya yukw' al' umwana wachu kandi yuko yavuch' al' impumyi. 21Icho tutamenya n' ubhudy' abhona, hamwe n' uwamuhumuy' amaso yiwe ntawe twomenya. Ni mumubhaze. Alakuze. Yokwivugila.''22Abhavyeyi bhiwe bhabhivuze bhatyo kuko bhatiny' Abhayuda. Kukw' Abhayuda bhali bhumvikanye yuk' umuntu wes' azomwemela yukw' aliwe Kiristo bhazomuvana mw' Isinagogi. 23Nicho chatumy' abho bhavyeyi bhavuga bhati ''Alakuze, ni mumwibhalize''.24Ubhakabhili bhongela kubhaza wa muntu yahol' ahumye bhati '' Shemagiz' Imana. Kuko twebwe tumenya yuk' uwo munt' al' umunyavyaha.'' 25Wa muntu naw' alabhishul' ati ''Yabh' al' umunyavyaha, njewe ntavyonomenya. Icho menya ni kimwe gusa: nali mpumyi none ndabhona.''26Bhasubhila kumubhaza bhati ''Yagukoley' iki? Amaso yawe yayahumuye gute? 27Alabhabwil' ati ''Namaze kubhabwila, kandi ntimwanyumvilije! Kubhel' iki mushaka kwongela kuvyumva? Kandi mwobha mushaka namwe kubh' abhigishwa bhiwe, chankwe? 28Bhalamwishula nabhi bhati ''Wewe ul' umwigishwa wiwe aliko twebwe tul' abhigishwa bha Mose. 29Tulamenya yukw' Imana yavuganye na Mose alik' uwo muntu titwomeny' iy' atuluka.''30Wa munt' alabhishul' ati ''Kubhel' iki! ibhi ko bhitangaje chane, yuko mutameny' iyava, kandi yahumuy' amaso yanje. 31Tulamenya yukw' Imana itokwumviliz' abhanyavyaha, alik' umuntu wes' ayubhaha kand' agakol' ivyo igombha niwe yumviliza.32Kuya yinosi yabhaho si nali bwumve yuko hal' umuntu yahumuy' amaso y' umuntu yavuch' al' impumyi. 33Iy' abh' atava ku Mana ntiyali kubhikola.'' 34BHlamwishula bhati ''Wewe wavukany' ichaha wotwigisha twebwe''.? Maze bhamubhinga mw' isinagogi.35Yesu yumvishije yuko bhamwilukanye mw' isinagogi; maz' alahula nawe alamubwil' ati ''Wobha wizey' Umwanaw' Umuntu? 36Alamwishul' ati ''Yobh' alinde mwami nanje mbhashe kumwizela? 37Yes' alamwishul' ati ''Wamaze kumubhona, uwu muvugana niwe.'' 38Wa munt' alamwishul' ati ''Mwami ndizeye''. Maz' alamwunamila.39Yes' alavug' ati ''Kubw' ulubhanza nalaje hano kwa yinosi, n' ukugil' abhatabhona bhashobhole kubhona , kand' abhabhona nabho bhabh' impumyi.'' 40Bhamwe mu bhafarisayo bhal' aho bhalamwumva maze bhalamubhaza bhati'' Natwe tulahumye?'' 41Yes' alabhishul' ati ''Iyo mwabh' impumyi nta chaha mwobhaye mufise. Aliko kuko muvuga muti Tulabhona, bhituma muguman' ichaha chanyu.''
1Ndabhabwil' ukuli uwudachila mu mudyango w' uluhongole gw' intama, alikw' akulil' ahandi , uwo n' umusuma kandi n' igisambho. 2Umwengele n' udya yinjila mu mudyango.3Uwo yugululigwa n' umunyezamu. Kand' intama ziwe zilamwumvila akazihamagala mu mazina yazo akazisohola hanze. 4Iy' azisohoye hanze, iziw' azij' imbhele, n' izo ntama zilamukulikila kuko zimeny' ijwi dyiwe.5Uwo zitamenya ntizomukulikila, ahubwo zomuhunga, kuko ntizimeny' amajwi y' abhashichi.'' 6Yes' abhabwil' uwo mugani, aliko ntibhasobhanukiwe n' ivyo yabhabwila.7Yesu yongela kuvugana nabh' ati ''Nukuli lelo ndabhabwila ni njewe mudyango w' intama. 8Abhagiy' imbhele yanje bhosi n' ibhisuma hamwe n' ibhisambho, alikw' intamantizabhumvilije.9Ni njewe mudyango. Umuntu wesi yinjilila muli njewe niw' azolokoka; azokweinjila yongel' asohoke, maze yilonkel' ubwachi bwiza. 10Igisumwa ntichoza kitazanwe no kwibha, kwicha hamwe no kwonona. Njewe naje kugila bhalonk' ubhugingo kandi bhabhulonke mu bwuzule.11Ni njewe mulagizi mwiza. Umulagizi mwiza yam' atang' ubhuzima bwiwe kubw' intama. 12Alik' umukozi w' umuchangelo, uwo sichokimwe n' umulagizi, intama si gwiwe, n' iy' abhony' ibhitalagu bhij' asig' intama agakiz' amagala yiwe. 13Maz' ibhitalagu bhikazifata bhikasabhagiza. Uwo yiluka kukw' al' umuchangelo w' umukozi, atokwitah' intama.14Ni njewe mulagizi mwiza, kand' abhanje ndabhamenya, n' abhanje bhalamenya njewe. 15Dat' alamenya, nanje ndamenya Data, kandi ndatang' ubhuzima bwanje kubw' intama. 16Halih' izindi ntama zanje zitali muli luno luhongole. Nazo nyene bhikwiliye yuko ndazizana, kugila zumv' ijwi dyanje, kugila habh' uluhongole lumwe hamwe n' umulagiz' umwe.17Iki nicho gituma Data ankunda. Ndatang' ubhugingo bwanje kandi nkongela kubwakila. 18Nta muntu yobhunyaka, ni njewe ndabhutanga kukwishakila. Ndashobhoye kubhutanga, kandi ndashobhoye kubwisubhiza. Idyo tegeko nalihawe na Data.''19Abhayuda bhongela gutandukanywa n' ayo majambho yiwe. 20Bhamwe mulibho bhalavuga bhati ''Kubheliki mumwumviliza, ntimubhona yukw' afise dayimoni w' ibhisazi?'' 21Abhandi bhalavuga bhati'' Ayo s' amajambho y' umunt' afis' abhadayimoni.Idayimoni dyobhohola guhumul' amaso y' impumyi?22Maze haz' umubhagwa mukulu wo kwezwa kwa Yerusalemu. 23Hali mugihe ch' imbheho, maze Yes' agendela mulusengelo muchumbha cha Salomo. 24Maz' Abhayuda bhalamwegela bhalamubwila bhati ''Uzokomeza kuduhisha kugeza dyali? Hamwe wobha uli Kiristo n' ubhitubwile.25Yes' alabhishul' ati ''Nalamaze kubhibhabwila ni mwebwe mutavyemela.Ibhikogwa nkolela mw' izina dya Data nivyo bhimvuganila. 26Aliko ntimwokwizela kandi mutali mu ntama zanje.27Intama zanje zilameny' ijwi dyanje; ndazimenya kandi nazo zilznkulikila. 28Nabhahay' ubhugingo bhuholaho; ntacho bhazokwigela bhabha, kandi ntawoshobhola kub hashikula mu mabhoko yanje.29Data yabhampaye niwe mukulu aluta bhosi, nta numw' afis' ubhushobhozi bwo kubhavana mu mabhoko ya Data. 30Njewqe hamwe na Data tul' umwe.'' 31Maze bhasubhila gutol' amabhuye ngo bhayamutele.32Yes' alabhishul' ati ''Nalamaze kubhelek' imilimo myiza iva kwa Data. Mul' iyo milimo n' umulimoki mushaka kuntelel' amabhuye?'' 33Abhayuda bhalamwishula bhati '' Ntitwogutel' amabhuye kubw' ibhikogwa vyiza. aliko kubwo kulogotwa, ukigelelanya ukigil' Imana''.34Yes' alabhabwil' ati ,mu mategeko yanyu ntivyandichwe ngo ''Nalabhabwiye yuko mwebwe mul' utumana?'' 35None ko yashobhoye kwit' utumana bhadya yahay' ijambho dyiwe(Kandi kw' ivyandichwe bhidashobhola guhinduka), 36Mulabwila mute uwatumwe na Data hano mwisi ngo ''Ulalogotwa'' kuko nabhabwiye gusa yuko nd' Umwana w'Imana?37''Ni nabha ntakol' obhikogwa vya Data ntimunyizele. 38Aliko ninabh' alivyo nkola , mutanyizeye, ni mubhule mwizel' ivyo bhikogwa kugila bhi bhafashe kumenya yuko Data abha muli njewe nanje nkabha muliwe. '' 39Bhongela kugelgeza gufata Yesu, alikw' abhava mu ntoke.40Uesu yongela kwelekeza hAakudya ya Yorodani hamwe Yohana yahol' abhatiliza agumayo. 41Abhantu bhenshi bhaza kuli Yesu. Bhalakomeza bhalavuga bhati ''Yohana ntiyigez' akol' igitangaza na kimwe alikw' ivyo yavuze kwa uno muntu n' ivy' ukuli.'' 42Abhantu bhenshi bhizelelayo Yesu.
1Maz' umuntu yitwa Lazaro yaligwaye. Iwabho hal' Ibhetaniya, alicho chalo cha Mariya na Marita. 2Uwo Mariya ni wawundi yasig' Umwam' avuta kumagul' akoleshej' umushachi wiwe, yali mushiki w' uwo mugwayi Lazaro.3Maz' abho bhakobwa bhatumako Yesu bhavuga bhati '' Mwami labha wawumd' ukund' alagwaye''. 4Yes' avyumvishij' alavug' ati ''Iyo ngwala siyo kumwich' ahubwo niyo gushemagiz' Imana, kugil' Umwana w' Imana ashemagizwe nubwo bhugwayi.''5Yesu yalakunda Marita, na mwenewabho hamwe na Msaza wabho Lazaro. 6Amaze kwumva yuko Lzar' agwaye , Yesu yagumy' aho yalili mu yindi mibhagw' ibhili. 7Ivyo bhihez' abwil' abhigishw' ati ''Ni muze twelekez' Ibhuyuda''.8Abhigishwa bhalamubhaza bhati '' Rabhi, Abhayuda bhali bhashaka kugutel' amabhuye none kand' ugil' usubhileyo?'' 9Yes' alabhishul' ati ''Amasaha y' umutaka si chumi n' abhili? Umunt' agenda kumutaga ntiyo chitala kukw' agenda kumutaga habhona.10Aliko abhaye agenda mwijolo niho yochitala kukw' ata much' umulimwo'' 11Yes' alabhibhabwila kand' ahejeje alabhabwil' ati '' Umugenzi wachu Lazaro aladyamye aliko ndagenda kugila ndamuvyul' ave mwitilo.''12Maz' abhigishwa bhalamwiushula bhati ''Mwami ni yabha adsinziliy' alaza kuvyuka'' 13Ako kanya Yesu yabhabwil' inkulu z' ulupfu gwa Lazaro, aliko bho bhiyumvila yukw' abhabwiy' itilo. 14Maze Yes' abhabwil' uklul' ati ''Lazaro uyapfuye,15Numva bhinezeleje kubwanyu kuko vyabhaye ntaliyo kugila mushobhole kwizela. Ni muze tujeyo'' 16Maze Tomasi uwo bhatazila ngo n' ihasa abwil' abhigishw' ati ''Ni muze tugende natwe dupfane na Yesu''.17Yes' agezeyo yasanze Lazaro amaz' imibhagw' ine mwizikilo. 18Kand' ibhetaniya haqli hafi ya Yerusalemu nk' Ibhilometero milongwine na bhitanu. 19Bhenshi bho mu bhayuda bhalaza kwa Marita na ,Mariya kubhahumuliza kubw' ulupfu gwa mausaza wabho. 20Marita yumvishije yuko Yes' alikw' alaza alihuta kumusanganila, aliko Mariya yakomeje kuguma mulugo.21Maze Marit' abwila Yes' ati ''Mwami iyo waza kale musazanje ntiyali gupfa. 22Aliku n' ubhu icho wosabh' Imana chosi ilakiguha.'' 23Yes' alamwishul' ati ''Musazawe alongel' azuke''.24Marit' alamwishul' ati mndabhizi yukw' azozuka kumusi wo kuzuka kwi helezo''. 25Yes' alamubwil' ati ''Ni njewe kuzuka hamwe n' ubhugingo, uwunyizela wesi naho yobha yapfuye , azobha akiliho; 26kand' uwuzobhaho wesi akanyizela njewe ntazokwigel' apfa. Ulavyizeye?''27Alamwishul' ati ''Yego Mwami, ndizeye yuko wewe uli Kiristo , Umwana w' Imana, wawund' aza hano mwisi.'' 28Amaze kubhivug' alagenda guhamagala mwenewabho Mariya mwibhanga, alamubwil' ati '' U,wigisha yaje alaguhamagala''. 29Mariy' avyumvishij' alahagul' anezelewe yihuta kugenda kwa Yesu.30Kandi Yesu ntiyali bwinjile hagati muchalo yali yagumye hamwe bhahulila na Marita. 31Maz' Abhayuda hamwe n' abhandi bhali bhaje kwilula Mariya, bhabhony' ahaguluche bhalamukulikila; bhali bhamenya yukw' agiye kulilila kwizikilo. 32Mariy' agez' aho Yes' ali alamubhona maze yikubhita hasi alamwunamila amubwil' ati ''Mwami iyo wabhaho Musaza wanje ntiyaligupfa''.33Yes' abhonye yukw' alikw' alalila hamwe na bha Bhayuda bazananye nawe bhilamu`bhabhaza mu mutima yumv' intuntu; 34alavug' ati ''Mwamushize maganahehe? '' Bhalamubwila bhati ''Mwami nuz' ulabhe'' 35Yes' alalila.36Maz' Abhayuda bhalavuga bhati ''Ni mulabhe kungene yakunda Lazaro!'' 37Aliko bhamwe mulibho bhalavuga bhati ''Uwu si wawundi yahumul' amaso y' impumyi, yobha yananiwe gukiz' uwu muntu ntapfe?''38Maze Yesu yuzuy' umubhabhalo hamwe n' agahinda, yelekeza kwizikilo. Aliko dyal' isenga kandi bhapfukishije kw' ikibhuye kumudyango. 39Yes' alavug' ati '' Ni muvaneh' idyo bhuye'' . Marita mushiki wa Lazaro uwo yapfuye alabwi;la Yes' ati '' Mwami ubh' umubhili wiwe wamaze kubhola, kukw' abhayemw' imibhagw' ine. '' 40Yes' alamwishul' ati '' Njewe sinakubwiye yuko niwabha wizeye uza kubhon' ubwiza bw' Imana''41Maze bhakulaho dya bhuye. Yes' alangamila hejulu alavug' ati ''Data ndabhigushimiye yuko wam' unyumvila. 42Ndabhizi yukw' imisi yosi wew' unyumviliza, aliko ndabhivuze kubwa lino kolanilo bhali hano kugila bhizele yukw' ali wewe wantumye.''43Amaze kubhivug' atelela hejul' ati ''Lazaro sohoka hanze''! 44Uwapfuy' asohoka hamnz' atwikiliwe n' amashuka bhamuzikanye, mu maso hali hapfukishij' igitambhala. Yes' alabhabwil' ati ''Ni mumuhambhulule mumuleke yigile.''45Abhayuda bhenshi bhali bahje kwa Mariya bhizela Yesu kuko bhabhony' ivyo yakoze. 46aliko bhamwe mulibho bhagenda kubwil' Abhafarisayo ivyo Yesu yakoze vyosi.47Maz' abhakulu bh' abhahelezi hamwe n' abhafarisayo bhakolanila hamwe bhalavuga bhati '' Tubhigile dute? Uwo munt' akomeza gukol' ibhitangaza vyinshi, 48Ni twakomeza kumuleka dutyo abhantu bhosi bhazomwizela; abhaloma bhazoza bhatwale vyosi hamwe n' igihugu chachu.''49Aliko mulibho halimw' Umuhelezi mukulu yitwa Kayafa maz' alabhabwil' ati '' Mwebwe ntacho mumenya. 50Ntimuzi yuk' Umunt' umw' akwiliye gupfa kubw' abhantu bhosi hako hapf' igihugu chosi.''51Ivyo ntiyavyivugishije, ahubwo kuko mwuwo mwak' aliwe yal' umuhelezi mukulu, yavugishijwe yuko Yes' akwiliye gupfil' igihugu; 52kandi si kubw' igihugu gusa, ahubwo Yes' akolanilize hamw' abhana bh' Imana bhasabhagiliye mu mpande nyinshi za yinosi. 53Maze guhela kul' uwo mubhagwa bhab hanza gukol' umugambhi wo kwicha Yesu.54Yesu ntiyongeye kugendel' ahabhona hagati mu bhayuda, ahubwo yachiy' agenda kwibhela mu gihugu cha Efurayimu luhande y' ubhugalagwa. Abhanayo n' abhigishwa bhiwe. 55Maze Pasika y' Abhayuda yali yegeleje maze bhenshi bhaladuga bhegelez' umuji w' Iyerusalemu kugila bhabhanze bhiyeze.56Bhosi bhalavugana bhalondela Yesu mugihe bhali bhahagaze mulusengelo, bhati ''Mwibhaz' iki? Bhudy' alaza ku musi mukulu?'' 57Icho gih' abhakulu bh' abhahelezi hamwe n' abhafarisayo bhali bhatanz' itegeko yuk' umuntu wes' aza kubhona Yes' akwiliye kubhamenyesha ngo bhaze bhamufate.
1Imibhagwa mukaga Pasik' italashika , Yes' agend' Ibhetaniya , kandi na Lazaro, uwazuwe mubhapfuye. 2Maze bhamutegulilay' ifungulo dy' umugolobha kandi Marita naw' alamukolela,kandi na Lazaro yali muli bhadya bhatumiwe kw' ifungulo hamwe na Yesu. 3Maze Mariy' atol' ichupa dy' amavuta y'igichilo amotelana neza, ayasiga Yesu kumagulu, amwogesh' umushachi wiwe; inzu yosi yuzula gutamilana. 4Yuda Isikariyoyte umwe wo mubhigishwa kandi aliw' azomugulish' alabhabwil' ati 5''Kubhel' iki aya mavuta y' igichilo kinini atagulishijw' akava mw' idenaliy' amajan' atatu bhagahabw' abhakene?'' 6Kandi ntiyabhivugishijwe no gukund' abhakene ahubwo kuko yal' igisuma: Niwe yabhik' isaho dya mahela kandi yaz' alibhamwo muvyo bhabhikamwo kubwiwe.7Yes' alamwishul' ati ''Mulek' atang' ich' afise kubwu mubhagwa wo kuzikwa kwanje'' 8Abhakene muzokwaman' imibhagwa yosi aliko njewe ntituzoholana mu mibhagwa yosi.''9Ikolanilo linini dy' abhayuda bhamenye yuko Yesu yaje maze bhalaza si kubwo kulabha Yesu gusa ahubwo ha,mwe no kulabha Lazaro yazuwe na Yesu mubhapfuye. 10Maz' abhakulu bh' abhahelezi bhalondel' ukwo bhokwicha Lazaro; 11kuko kubwiwe bhenshi mu bhayuda bhalaza bhagacha bhizela Yesu.12Bhukeye bwaho abhantu bhenshi bhalaje kumunsi mukulu. Bhamaze kwumva yuko Yes' aza kuz' Iyerusalemu, 13bhali bhitwaj' amashamyi y' ibhisanda~sanda bhamusanganila bhavuz' ugwamo chane bhati Hoziyana! Halahiliw' uwuje mwizina dy' Imana, Umwami wa Isirayeli.''14Yesu yalons' umwana w' indogobha alamwulila nkuko vyandichwe ngo 15Ntutinye yewe mukobwa w' Isiyoni; kuk' Umwami wawe alaje yuliy' umwana w' indogobha.''16Abhigishwa bhiwe vyabhanje kubhagola kubhiso~bhanukigwa ; aliko Yes' amaze gushemagizwa bhibhuka yukw' alivyo yandikiwe nuko vyakozwe kubwiwe.17Maze wa mugwi wa bhabhandi bhaliho chagihe yahamagala Lazaro ngw' asohoke kuva mw' izikilo bhabhibwila bhagenzi bhabho. 18nKandi nicho chatumye bhenshi bhaza kumwakila kuko bhali bhumvishij' icho gitangaza yakoze. 19Abhafarisayo bhalavugana bhalidodombha bhati Labha lelo ntacho mugishobhola kumukola ; ehe labh' isi yosi yasidukiy' inyuma yiwe.''20Kandi mubhaliko bhalagenda gusenga kumusi mukulu halimw' abhagiliki. 21Abho bhasanga Filipo w' Ibetisayida ya Galilaya, bahalamusabha bhati ''Mugenzi twebwe tulipfuza yuko twobhonana na Yesu.'' 22Maze Filipo alagenda abhibwil' Andereya ; maze Andereya na Filipo bhagenda kubhibwila Yesu.23Yes' alabhabwil' ati ''Igihe kilashiche kugil' Umwana w' Umunt' ashemagizwe. 24Nukuli ndabhabwile yukw' imbhuto y' ingano itaguye mubwondo ikabhanza kubhola, yigumila gutyo yonka; alikw' iy' ibhoze niho izan' ivyamwa vyinshi.25Umuntu wes' akund' ubhugingo bwiwe niw' azobhutakaza; alik' uwutang' ubhugingo bwiwe mwa yinosi niw' azobhushila mu mabhoko kugeza mubhugingo bhudashila. 26Umuntu wesi ni ya nkolela njewe, abhanz' ankulikile; kandi nanj' ahondi nih' umukozi wanj' azobha. Umuntu wesi ni yankolela, Data wanje azomwubhaha.27Ubhu lelo numv' umutima wanj' ubhabhaye: None mvug' iki? 'Data undokole mwa yino saha? Aliko kino nicho chatumye ngeza kwa yuno mubhagwa. 28Data niwubhahish' izina dyawe'' . Maze humvikan' ijwi mwijulu livuga liti ''Ndadyubhahishije kandi nzodyubhahisha'' 29Maz' abhali luhande yiwe bhaladyumva, bhavuga bhati habhayeh' umutulagalo. Abhandi bhati ''Malayika nkiw' avuganye nawe''30Yes' alishul' ati ''Idyo jwi ntidyaje kubwanje ahubwo kubwanyu'' . 31Ubhu lel' ulubhanza gwa yinosi lulashikijwe: Umukulu wa yinos' agil' atabwe hanze.32Nanje ninamala gushigwa hejulu ya inosi, nzokwega bhenshi.'' 33Ybhivuze yelekan' ulupf' azopfa.34Ikolanilo bhalishula bhati '' None ko twebwe twigishijwe mu mategeko ngo ''Kiristo azokwamah' imisi yosi. Naw' uvuga gute ng' Umwana w'Umunti bhikwiliye yukw' abhambhwa? Uwo Mwana w' Umuntu yobh' alinde? '' 35Maze Yes' alabhabwil' ati '' Ubhu halachalih' umucho gatoya. Ni mugende hakil' umucho, kugila ntimuzomigwe n' umwiza. Uwu gendela mu mwiza ntameny' iyaja. 36Mulachafis' umucho ni muwizela kugila mwitw' abhana bh' umucho. Yesu yalabhib habwiye maz' achagenda kwinyegeza kugila ntibhamubhone.37Naho Yesu yakoley' imbhele yabh' ibhitangaza vyinshi aliko ntibhamwizeye. 38Kugila dya jambho dyavugwa na Yesaya lishike ngo ''Data mbhesi ninde yakiliy' inkulu zachu?Kand' ukubhoko kw' Umwami kwa hishuliwe nde?''39Nicho chatumye bhatizela kuko Yesay' avug' ati 40Yabhahumy' amaso kandi yagumishij' imitima yabho; ntibhazobhonesh' amaso yabho bhakamenyesh' imitima yabho, bhagahava bhihana nkabhalokola.''41Yesaya yabhivuze kuko yabhony' ubwiza bwa Yesu yongelakw' avug; inkulu zabwo. 42Aliko n' abhatwale bhenshi bhalamwizeye Yesu; aliko kubw' abhafarisayo ntibhibhonekeje kuko bhatinya yuko bhabhabhinga mw' isinagogi. 43Bhakunda gushimwa n' abhantu bhanka gushimwa n' Imana.44Yes' alasemelel' ati ''Uwu nyizela wesi ntabha yizeye njewe gusa ahubw' abha yizeye n' iyantumye, 45kand' umunt' mbhony' abh' abhony' uwantumye.46Njewe naje kubh' umucho mwisi kugil' umuntu wes' anyizela ntagendele mu mwiza. 47Alik' umuntu wesi yumv' amajambho yanj' akayagaya, njewe si ndamuchilak' ulubhanza; kuko sinazanwe no guch' imanza mwisi, ahubwo kulokol' isi.48Uwunyanka wesi kandi ntiyemel' amjambho yanje, alafis' ikimulega: ijambho navuze nidyo lizomuchil' ulubhanza kuli wa musi w' ihelezo. 49Kuko ntavyivugishije. Kuko Data yantumye niw' ambwil' ivyo novuga vyosi. 50Kandi ndamenya neza yukw' itegeko dyiw' alidyo bhugingo bhuholaho; nuko lel' ivyo mvuga , ndabhivuga nkuko Data yambwiye nikwo mvuga.''
1Maz' umusi mukulu wa Pasik' utalashika , kandi Yesu yamenya neza yukw' igihe chiwe cho kuva mwisi no gusubhila kwa Se kigeze, kandi yali yakunz' abhiwe bhali mwisi abhakunda bhihebhuje. 2Kandi Satani yali yamaze kwinjizwa mu mutima wa Yuda mwene Isikariyote, umwana wa Simoni kugil' amugulishe.3Yesu yalimenya neza yuko Se yasize vyosi mumabhoko yiwe kandi yuko yavuye ku Mana kand' akabh' agil' asubhile ku Mana. 4Yahaguluche mugihe ch' ifungulo, asas' umwambhalo wiwe hasi. Maz' afat' igitambhala alagikenyela. 5Maz' ashil' amazi mw' ibhakule abhanza kwoz' amagulu y' intumwa yongel' abhumukish' igitambhala yal' akaenyeye.6Agela kuli Simoni Petero, maze Petero naw' alamubwil' ati ''Mwami wobh' ushaka kunyoz' amagulu yanje?'' 7Yes' alamwishul' ati ''Icho ndimwo ndakola ntushobhola kukimeny' aliko hanyum' uzokimenya'' 8Petero alamwishul' ati ''Sinokwemelela yuk' unabhish' amagulu yanje''. Yes' alamwishul' ati ''Ni wabhona ntakwogeje ntacho tuzobha dusangiye nawe''. 9Simoni Petero alamubwil' ati ''Mwami ntiwoz' amagulu yanje gusa ahubwo woze n' amabhoko hamwe n' umutwe wanje''.10Yes' alamwishul'ati ''Umuntu wesi yamaze kwiyoza ntiyosubhila kwoga ahubwo kunabh' amagulu yiwe , kand' abha yejejw' umubhili wosi. Mwebwe mwalejejwe, alaiko si mwesi.'' 11Kuko Yesu yalameny' uwuza kumugulisha; nicho chatumy' avug' ati si mwese mwejejwe.''12Yes' amaze kubhanabhish' amaguly yabho kand' amaze kwambhala hamwe no kwichala, alabhabwil' ati ''Mwobha mwasobhanukiw' icho nabhakoleye? 13Mulampamagala ''Mwigisha'' ikindi gihe 'Umwami' kandi muvug' ukuli kuko nikwo ndi. 14Mugihe njewe nd' Umwami n' Umwigisha ndabhanabhishij' amagulu yanyu, namwe nikwo mukwiliye kunabhisha bhagenzi bhanyu. 15Kuko ndabhelech' ishusho kugila mukole nkukwo ndabhakoleye.16Nukuli ndabhabwila neza yuk' umuj' adasumbha shebhuja; kand' intumwa ntiyosumbh' uwayitumye. 17Uwubhisobhanukiw' azobh' ahezagiwe niyabhikola. 18Si mvuze kuli mwebwe mwesi kukw' abho natoranije ndabhamenya neza, aliko ndabhibhabwiye kugil' ivyandichwe bhisohozwe ngo '' Uwo twasangiye niwe yahindukiliye kunkatagila''.19Ibhi ndabhibhabwiye bhitalashika kugila nivyabhaho muzokwizele yuko NDIWE. 20''Nukuli, nukuli uwunyakila wesi yakil' uwontumye kandi kand' uwunyakila wesi yakil' udya yantumye''21Amaze kubhivuga yagiz' umubhabhalo mwinshi mu mutima wiw' alabhabwil' ati ''Nukuli, nukuli muli mwebwe halmw' uwuza kungulisha.'' 22Abhigisha bhiwe bhalatangala , bhosi bhalabhana kugila bhamenye nind' aza kubhikola23Mulibho halih' uwo yakunda chane kandi yali yegamiy' ulubhavu gwiwe mugatuntu. 24Simoni Petero alabwila wa mwigishwa ati ''Tubwile wobh' umeny' uwo munt' avuzwe ninde! 25Maze wa mwigishwa yegamiye Yes' alamubhaz'ati ''Mwami uwo muntu ninde?''26Yes' alamubwil' ati ''Uwo nza guhelez' ilobhe nkamuheleza niwe. Amaze gutol' umukate ahelez' ilobhe Yuda mwene Simoni Isikariyote. 27Amaze kumuhelez' idyo lobhe, Satani alamwinjila. Maze Yes' alamubwil' ati ''Ivy' ukola ubhigile na ningoga''28Nta muntu numwe ngaho yameny' ich' abhivugiye. 29Bhamwe bhiyumvila ngo nukubhela Yud' aliw' abhich' umufuko wa mahela bhati wosanga Yes' amubwiy' ati ''Gul' ibhintu dukeneye kubw' umusi mukulu'' chankw' ati 'ugil' ich' uhelez' abholo' 30Yud' amaze kwakila dya lobhe yasohoche na ningoga kandi hali mwijolo.31Yud' amaze kuvaho Yes' alabhabwil' ati ''Ubhu lel' Umwana w'Umunt' alashemagijwe kandi n' Imana nay' ishemagilijwe muliwe. 32Iman' ilamushemagiliza muliyo kand' ilamushemagiza vubha chane. 33Bhana bhatoyi tulachali kumwe gatoyi; muzondondela nkukwo nabwiy' Abhayuda, 'Iyo ngenda mwebwe ntimwozayo', namwe nicho nyene ndabhabwiye.34Ndabhahay' itegeko lishasha, yuko Mukundana; kudya njewe nabhakunze mwebwe, mubh' alikwo namwe mukundan' ubwanyu. 35Ivyo bhizotum' abhantu bhamenya neza yuko mul' abhigishwa bhanje, ni mwagil' ulukundo hagati yanyu muli mwebwe.''36Simoni Petero alamubhaz' ati ''Mwami ulik' ulajahehe? Yes' alamwishul' ati ''Iyo ndiko ndaja ntiwoshobhola kujay' ubhu alaiko munyuma yanj' uzoza'' 37Petero alamubhaz' ati ''Mwami ni kubhel' iki ntogukulikil' ubhunyene? Njewe nzokwitanga kubwawe'' 38Yes' alamwishul' ati ''Wew' uzotang' ubhugingo bwawe kubwanje? Nukuli lelo ndakubwile neza, isake nt' iza kubhika wew' utalanyihakana gatatu.''
1''Ntiwele yukw' umitima waw' uhungabhana.Wizel' Imana kandi nanj' unyizele 2Munzu ya Data halimw' ivyichalo vyinshi vyo kubhamwo; iyo bhitabh' alivyo nali kubhikubwila , kuko ndagiye kugutegulil' aho kubha. 3Ni mala kugenda nkabhategulil' ivyichalo, nzokwongela kuza kubhahamagala muz' iwanje, kugil' ahondi namwe mubheho.4Kandi mulaz' inzil' igend' iyonja. '' 5Tomasi abhaza Yes' ati ''Mwami ku tutameny' iyulik' ulaja twoshobhola gute kumeny' iyo nzil' ijayo? 6Yes' alamubwil' ati ''Ni njewe nzila, ukuli n' ubhugingo; ntawoshika kuli Data adachiye muli njewe. 7Iyo mwabha mumenya njewe mwali kumenya na Data; guhel' ubhu no mubhihe bhiza mulamumenya kuko mwamaze kumubhona.''8Maze Filipo abwila Yes' ati ''Mwami n' utweleke So wawe bhilabha bhimaze.'' 9Yes' alamubwil' ati ''Iki gihe chosi tumalanye ntimuligela mumenya , Filipo? Umuntu wes' ambhony' abha abhonye Data; None bhigenze gute kuvuga ngo 'Tweleke Data'?10None ntimwizeye yuko ndi muli Data kandi na Dat' akabha muli njewe? Ivyo ndabhabwila si njewe ndavyivugisha; ahubwo ni Data ali muli njewe , niw' akol' iyi milimo yiwe. 11Ni munyizele yuko ndi muli Data kandi nawe nyen' ali muli njewe; kandi ni mwizele n' imilimo yanje nkola.12Nukuli , nukuli ndabhabwila, uwunyizela wesi, azoshobhola gukol' iyi milimo nkola; kand' azokola n' ibhilenzeho kuko ndikwo ndasubhila kwa Data. 13Icho muzosemnga chosi mw' izina dyanje, nzokibhakolela kugila Dat' ashemagilizwe mu Mwana. 14Ni mwasabh' ikintu chochosi mw' izina dyanje , icho nzokibhakolela.15Ni mwabha mu nkunda muzokwitondel' amategeko nabhahaye. 16Kandi nzosabha Data naw' azobhazanil' uwundi Mufasha kugil' azobhane namw' ibhihe bhidahela. 17Uwo Mpwemu w' ukuli. Ntiyokwakigwa n' abho mwayinosi kuko bhatamubhona, kandi bhatamumenya. Aliko mweho mulamumenya, kukw' abhana namwe naw' azobha muli mwebwe.18Si nzobhasiga mwenyene ; nzokwongela ngaluke. 19Mu gihe gitoyi, abha yinosi ntibhazombhona kandi, aliko mweho muzombhona. Kuko njewe mbhayeho namwe muzobhaho. 20Icho gihe niho muzosobhanukigwa yuko ndi muli Data, namwe yuko muli njewe, kandi yuko nanje nyene ndi muli mwebwe.21Umuntu wes' afat' ivyagezwe nabhahaye niw' ankunda; kand' umuntu wes' ankund' azokundwa na Data, nanje nyene nzomukunda niyelekane kuliwe. '' 22Yuda(Aliko si Isikariyote) abwila Yes' ati ''Mwami, none bhibhaye bhite kugila wiyelekane kuli twebwe gusa ntiwiyelekane kubhayinosi?23Yes' alamwishul' ati ''Umuntu wes' ankunda azokwitondel' ijambho dyanje. Na Data azomukund, kandi tuzoza muliwe tubhane nawe. 24Uwutankunda wesi ntiyokwitondel' amategeko yanje. Ijambho dyo ndabhabwila si dyanje n' idya Data yandungiche kuza.25Ivyo ndabhibhabwiye nkili hagati yanyu. 26Alik' uwo Mpwemu Yela , Umuhumuliza, uwo Dat' azolungika mw' izina dyanje , azobhigish' ibhintu vyosi kand' azobhibhuch' ibhintu vyosi nabhabwiye. 27Ndabhahay' amaholo. Simbhahaye nkukw' abhayinosi bhayatanga. Ntimwinjiz' imitima yanyu mubhiyihungabhanya n' ibhitela bwobha.28Mwalumvishije yuko nabhabwiye nti 'Ndagiye kandi nzokwongela ngaluke kuli mwebwe'. Iyo mwabha mu nkunda mwali kudyohegwa kuko ndiko ndagenda kwa Data , kandi Data niwe mukulu kuli njewe. 29None lelo ndabhibhabwiye bhitalabhe kugila ni vyabhaho, mushobhole kwizela. 30Si nongela kubhabwila vyinshi kuk' umukulu wa yinosi alaje. Nta nkomez' anfiseko. 31Aliko kugil' abhayinosi bhamenye yuko nkunda Data, nkol' icho Data yambwiye, nkuko yantegeche. Ni muhaguluke tuve hano hantu.
1Ni njewe Muzabhibhu w' ukuli kandi Data niwe yawuteye. 2Ishamyi dyosi muli njewe litagil' ivyamwa alivanako, kandi lidya dyosi dyama alalitutulila kugila ligume dyama.3Aliko mwebwe mwalamaze kwezwa n' ubhutumwa bwanje namaze kubhabwila. 4Ni mwame muli njewe nanje mbhe muli mwebwe. Kuko mwebwe ntimwokwama mutali muli njewe nkukw' ishamyi nadyo litokwama litali kumuzabhabhu.5Ni njewe muzabhibhu mwebwe nimwe mashamyi.Uwama muli njewe nanje muliwe niwe yam' ivyamwa vyinshi, kukw' atacho mwokwishobhoza mutamfise. 6Umuntu wes' ataguma muli njew' atabwa hanze mkakudya kw' ishamyi kumilana; abhantu bhalayatolagula bhakayachana agahelengetela. 7Ni mwemela kuguma muli njewe maze n' amajambho yanj' akabhabhamwo, muzonsabh' icho mwipfuza chochosi nzokibhakolela.8Iyo mwamy' ivyamwa vyinshi kandi mukabh' abhigishwa bhanje bhituma Data wanj' ashemagizwa. 9Nkuko Data yankunze nikwo nanje ndabhakunda mwebwe; ni mwigumile mu lukundo gwanje.10Ni mwabha mwitondey' amategeko yanje namwe muzoguma mu lukundo gwanje nkuko nanje nitondey' amategeko ya Data nkaguma mu lukundo gwiwe. 11Ivyi ndabhibhabwiye kugila bhibhazanil' umunezelo kandi muwugile mubwuzule.12Ili nidyo tegeko dyanje , yuko mwokundana nkukwo nanje nabhakunze mwebwe. 13Ntiwolonk' ul;ukundo lukomeye nka luno gwo gukund' abhagenzi bhawe ukabhitangila.14Ni mwakulikiz' ivyo nabhategeche muzobha mwelekanye yuko mul' abhakunzi bhanje. 15Mwebwe si nobhita yuko mul' abhaja kuk' umuja ntiyomeny' ivyo shebhuja wiw' akola. Ndabhise yuko mul' abhakunzi kuko nabhamenyesheje vyosi numvishije kuli Data.16Si mwebwe mwantolanije, ahubwo ni njewe nabhatolanije; nabhasizeho kugila mugende mwam' ivyamwa, kandi ntibhibh' ivyamwa bhikolagulika. Nikwo bhimeze kugila ngo ikintu chochosi muzosabha Data mw' izina dyanje akibhaheleze. 17Nuko lelo ndabhategeche yuko bhul' umw' akunda mugenziwe.18Isi niyabhanka , mumenye yuko yabhanje kunyanka italabhanka mwebwe. 19Iyo mwabha mul' abhyinosi, isi yali kubhakunda kuko mwobhaye mul' abhayo; aliko kuko mutal' abhayinosi kandi nabhatolanije hagati y' abhayinosi, nicho gituma bhabhanka.20Ni mwibhuke dya jambho nabhabwila nti 'Umuja ntiyosumbha shebhuja. ' Nibhabha bhalankoley' ibhibhi namwe nyene bhazobhibhakolela; Nibhabha bhalumvilij' ijambho dyanje namwe bhazokwumviliz' ijambho dyanyu. 21Ivyo vyosi bhazobhibhakolela kubw' izina dyanje kuko bhatigeze bhamenya njewe hamwe n' uwantumye. 22Iyo ntaza nkabhabwila bhobhaye bhadafis' ichaha; alik' ubhu ntacho bhokwileguza.23Uwunyanka wes' abha yanka na Data. 24Iyo ntabha nalakoz' ibhikogwa bhilemeleye hagati yabho ntibhobhaye bhafis' ichaha ; aliko bhachumuye kabhili kuko bhalabhibhonye kandi bhongelako bhanka njewe na Data. 25Ibhi vyabhayeho kugila hashichwe vyabhindi vyandichwe mu vyagezwe vyabho ngo 'Bhalanyanse bhampol' ubhusa'.26Igihe wa muhumuliza azobha yamaze kuza uwo nzobhalungikila kuva kwa Data, uwo ni Mpwemu w' ukuli, ava kwa Data, azomvuganila. 27Kandi namwe mulamvuganila kuko twabhanye kuva mwitangulilo.
1Ivyo ndabhibhamenyesheje kugila ntibhizobhachitaze. 2Bhazobhatelela hanze y' amasinagogi yabho; igihe kilaje kugil' umuntu wesi abhagilila nabhi yibhaze ngo alaikw' alakol' igikogwa gishimish' Imana.3Ivyo bhazobhibhakolela kuko bhatamenya Data kandi nanje nyene ntibhamenya. 4Ibhi ndabhibhabwiye kugila ni vyashika ntibhizobhatinyish' ahubwo muvyibhuke yuko nabhivuze. Ivyo sinabhibhabwiye guhela mbele kuko nali nkili kumwe namwe.5Naho ndiko ndgenda kuwali yantumye; nta numwe muli mwebw' alikw' alambhaz' ati ''Mbhes' ujahe? 6Kuko ndabhib habwiye muchiye mugil' intimbha mu mitima yanyu. 7Nukuli ndabhabwile ni vyiza kuli mwebwe ngiye , kuko ntagiye ntimuzohabwa wa mufasha; aliko ni ngenda nzomubhalungikila.8Uwo Mufasha ni yamala kuza azohishulil' isi kubhijanye n' ichaha, ukugololoka hamwe n' ulubhanza. 9Kuvyelekey' ichaha kuko bhatanyizela. 10kuvyelekey' ukugololoka kuko nsubhiye kwa Data kandi mutazosubhila kumbhona 11Kandi kuvy' ulibhanza kuko wa mukulu wa yinosi yamaze guchigwak' ulubhanza.12Mfise vyinshi vyo kubhabwil' aliko ntavyomwomenya kwa kano kanya. 13Aliko Mpwemu wu kuli ni yaza, azobhasholel' abahshile mu kuli kwosi; kuko ntazokwivuganila; aliko ivyo yumvishije vyosi nivyo azovuga.Azobhibhahishulila niyamala kuza. 14Uwo niw' azonshemagiza, kukw' azotwa kuvyanje maz' abhibhamenyeshe.15Ivya Data vyosi n' ivyanje; nicho gituma ndabhabwiye yuko Mpemu azobhagabhulila kuvyanje akabhi~bhahishulila. 16Mugihe gitoya ntimuzobha mumbhona kandi mugihe gito kindi muzokwongela mumbhone.17Bhamwe mu bhigishwa bhiwe bhalabhazanya bhati ''Asobhanuy' iki kutubwila ngo 'mugihe gito ntimuzombhona ngo kandi mugihe gito muzombhona kuko ngiye kwa Data?'' 18Maze bhalavuga bhati ''Asobhanuy' iki ngo 'Hasigaye gatoyi''? Ntitwomeny' ich' avuze.''19Yesu yamenye yuko bhipfuza kumubhaza maze alabhabwil' ati ''Ndabhona yuko muvyibhajijeho kuko nabhabwiye nti 'mugihe gitoyi ntimuzombhona kandi mugihe gitoyi muzokwongela mumbhone? 20Nukuli mweho muzobha muliko mulabhologa mubhabhaye; alikw' abhisi bho bhazobha bhatwenga, muzobha mufis' umubhabhalo alik' uwo mubhabhalo uzohinduk' ibhitwengo. 21Iy' umugol' ali mukuvyala abha abhabhaye kukw' igihe gishiche; alikw' amaze kuvyala ntavyo yi bhuka kubw' umunezelo wo kuvyal' umwan' akaza kwisi.22Namwe nyene kano kanya mulabhabhaye, aliko nzokwongela ndabhabhone, kand' imitima yany' ixokwongela kunezegwa kandi ntawuzobhanyag' uwo munezelo wanyu. 23Icho gihe ntimuzokwongela kumbhaza na kimwe. Nukuli ndabhabwile, nimwasabha Data mwizina dyanj' azobhaheleza. 24Kugez' ubhu ntacho mulasabha mwizina dyanje; ni musabhe namwe muzohabwa kugil' umunezelo wany' ugwililane.25Ubhu ndabhabwiye muvyo mutumva nez' aliko hal' igihe ntazovugila mubhichulika aliko nzovugila mu lulimi gwumvikana neza kuvyelekeye Data.26Uwo musi muzosabha mwi zina dyanje, kandi sindabhabwiye yukw' ali njewe nzobhasabhila kuli Data; 27kuko Data nawe nyene alabhakunda kuko mwankunze mukizela yukw' aliwe yandungiche. 28Navuye kwa Data maze nza kwayinosi, kandi ngila mve kwayinosi nsubhile kwa Data''29Abhigishwa bhiwe bhalamubwila bhati ''Ubhu tulakwumva neza kuko ntuvugila mubhichulika. 30Ubhu lelo tulamenye neza yukw' ata kinu wo hishwa, kandi ntiwolinda kubhazw' ibhibhazo. Nicho gitumye twizela yuko wavuye ku Mana. 31Yes' alabhishul' ati ''Ubhu mulizeye?''32Labha hal' isaha ilikw' ilaza mwesi muzo nsiga njenyene mwiluke bhul' umunt' achik' ivutu. Aliko si ndi njenka kuko ndikumwe na Data. 33Ivyo ndabhibhabwiye kugila bhibhatel' amaholo. Kuko mwayinosi huzuy' imibhabhalo, aliko mwihumulize, njewe nalachinz' iyisi.
1Yesu yalabhivuze vyosi; maze yunamul' amaso yiw' alabha mwijulu alavug' ati ''Data iyi niyio saha yawe yo gushemagiz' umwana wawe kugila naw' gushemagize wewe. 2Nkuko wamuhay' ubhushobhozi hejulu y' abhafis' umubhili kugil' ahelez' ubhugingo bhoholaho bhadya bhosi wamuhaye.3Ubhu nibwo bhugingo bhuholaho:Yuko bhakumenya wewe Mana yukul' Imwe gusa hamwe n' uwo watumye Yesu Kiristo. 4Nalagushemagije hano kwa yinosi, kandi ndamaz' igikogwa chawe wantumye gukola. 5Nuko lelo Data nanj' unshemagize hamwe nawe muli bwa bwiza bwawe nali mfise hamwe nawe chagih' is' italalemwa.6Abho wampaye hano kwayinosi nalabhahishuliy' izina dyawe. Bhal' abhantu bhawe, aliko walabhampaye bha`bh' abhanje. Kandi bhagumij' ijambho dyawe. 7Ubhu bhalamenya yuko bhul' ikintu nakivany' iwawe, 8ya majambho wampaye- Ayo nalayabhahaye. Bhalayakiliye maze bhamenya yuko navuy' iwawe, kandi bhizela yukw' ali wewe wantumye.9Abho ndabhasengeye. Kandi si nsengey' isi yosi ahubwo bhano wampaye kuko n' abhawe. 10Ivyanje nivyo vyawe, kand' ivyawe navyo ni gwanje, kandi nshemagilizwa mulivyo. 11Njewe si nkili mwayinosi aliko bhano bhasigaye muliyo,kandi ndimwo ndaza kwawe. Data mwiza ubhalindishe dya zina dyawe wampaye;kugila nabho bhabhe mu bhumwe nkuko njewe nawe tul' umwe.12Igihe nali kumwe nabho nabhalindishij' izina dyawe wampaye; kandi nalabhalinze ntanumwe yazimiye, gusa wa mwana w' inzimizi, kugil' ivyandichwe bhishichwe. 13None lelo ndiko ndaz' iwawe, aliko bhino ndabhivugiye kwa yinosi kugila umunezelo wawe wuzule mulibho. 14Nabhahay' ijambho dyawe; Abha yinosdi bhalab hanse kukw' atabhayinosi, nkuko nanje nyene ntal' uwa yinosi.15Si ndabhasengeye ngo bhavanwe mwayinosi aliko bhalindwe ntibhagwe mu ntoke za yantagondwa. 16Abha s' abhayinosi nkuko nanje nyene ntal' uwayinosi. 17Abhezesh' ukuli kwawe kubwawe nyene; ijambho dyawe nidyo kuli.18Wandungiche mwayinosi nanje ndabhalungiche mwayinosi. 19Kubwabho nanje nditanze kugila nabho bhakwitangile kubw' ukuli.20Si bhano bhonyene nsengeye , ahubwo na bhadya bhazonyizela munyuma bhumvishij' ijambho dyabho, 21kugila nabho nyene bhazogil' ubhumwe, nkuko wewe Data uli muli njewe nanje muli wewe. Nabho ndabhasengeye kubha muli twebwe kugila yinosi yizele yikw' ali wewe wandungiche.22Bwa bwiza wampaye nanje ndabhu~bhahaye kugila bhagil' ubhumwe, nkuko natwe nyene tul' umwe. 23Njewe muli wewe, nawe muli njewe, kugila bhuzulizwe mu bhumwe; kand' abhayinosi bhamenye neza yukw' ali wewe wantumye, ukabhakunda nkuko nanje wankunze.24Data kidya wampaye - nicho ndabhipfulije yuko bho bhana nanje aho ndi bhabheho kugila bhalabh' ubwiza bwanje wampaye, kuko wewe wankunze kuva kel' is' italalemwa.25Data wewe mugololochi, isi ntiyakumenye wewe, aliko njewe ndakumenya; kandi bhalamenya yuko wantumye. 26Izina dyawe nalalibhamenyesheje, kandi nzokwama ndalibhamenyesha kugila gwa lukundo wankunze gwame mulibho, nanje nibhele mulibho. ''
1Yes' amaze kuvug' ayo majambho, yajanye n' abhigishwa bhiwe ku mwonga witwa Kidironi, aho hantu halih' itongo, yinjilamwo n' abhigishwa bhiwe. 2Kandi na Yuda wa mugulanyi yalimeny' aho hantu, kuko Yesu yakunda kujanay' abhigishwa bhiwe. 3Maze Yud' amaze kwakil' abhasilikale n' abhatwale bhava kubhakulu bh' abhahelezi bhaza bhazany' amatala, n' amahili hamwe nibhindi bhigwanishwa.4Kandi Yesu kuko yali meny' ibhilimwo bhilakogwa kubwiwe, alabhiyelek' alabhabwil' ati '' Ninde mulondela? '' 5Nabho bhalamwishula bhati ni Yes' Umunyenazaleti'' . Yes' alabhabwil' ati ''Ni njewe'' Kandi Yuda wa Mugulanyi yali hyagaze luhande y' abhasilikale.6Maz' amaze kubhabwil' ati ''Ni njewe'' bhagend' igihinamugongo bhikubhita hasi. 7Yongela kubhabhaz' ati ''Ninde mulondela?'' Nabho bhalamwishula bhati ''Ni Yes' Umunyenazaleti.''8Yes' alabhishul' ati '' Namaze kubhibhabwila yukw' ali njewe; kukw' ali njewe mulondela, nimulekule bhano bhandi bhigile. '' 9Ivyo vyagenze bhityo kugila chachandichwe gishichwe ngo ''Muli bhadya bhosi wampaye nta muntu numwe nazimije.''10Maze Simoni Petero kuko yalif' inkota alayifata alayikalisha ach' ugutwi kw' umukozi w' Umuhelezi mukulu. Izina dy' uwo mukozi yitwa Maluko. 11Yes' abwila Peter' ati ''Subhiz' inkota yawe mugwubhati gwayo. Wumva nokwilengagiza gut' igikombhe nahawe na Data?'''12Nuko wa mugwi w' abhasilikale n' abhakulu bhabho, n' abhakozi bh' Abhayuda bhafata Yesu bhalamubhoha. 13Maze bhalabhanza bhamujana kwa Anasi, kuko yal' umukwe wa Kayafa, kandi Kayafa niwe yal' umuihelezi mukulu mwuwo mwaka. 14Uwo Kayafa niwe yahanuy' Abhayuda yuk' umunt' umw' akwiliye gupfa kubw' abhantu.''15Simoni Petero hamwe n' uwumndi mwigishwa bhalakulikiye Yesu. Kand' uwo mwigishwa wundi yalamenyekana kwa ku mulugo gw' umuhelezi mukulu, maze yinjilana na Yesu hagati mukigo ch' Umuhelezi Mukulu; 16Aliko Petero yali hagaze hanze y' u,mudyango. Maze wa mwigishwa yalimenyekana k' Umuhelezi mukulu, alasohoka hanz' abhanza kuganila n'udya mukozi yalinda kumudyango kugila yemelele Petero kwinjila.17Maze wa mukozi yalinda kumudyango abwila Petero ati '' Mbhesi nawe wobh' ulumwe mubho yigisha? maze yishul' ati ''Oya si ndiwe''. 18Kand' abho bhakozi hamwe n' abhatwale bhosi bhali bhichayeho bhot' umulilo kuko halih' imbheho, bhagelageza guhig' ukwo bhosusuluka. Kandi Petero nawe yalikumwe nabho yot' umulil' ahagaze.19Umuhelezi mukul' abhaza Yesu kuvyelekey' abhigishwa bhiwe hamwe n' inyigisho ziwe. 20Yes' alamwishul' ati ''Isi nayibwiliy' ahabhona; kenshi nigishilije mu masinagogi hamwe no mulusengelo ah' abhayuda bhakolanila .Nta na kimwe navugiye mwibhanga. 21Kubhel' iki mwombhaza? Ni mubhaze bhadya bhanyumvilije bhobhabwil' ivyo bhumvishije. Abho bhalabhizi vyosi.22Yes' amaze kubhivuga umwe mu bhakulu bhali bhahagazeho akubhit' ulushi Yes' amubwil' ati ''Ukwo nikwo bhikwiliye yuko ewishul' umuhelezi mukulu?'' 23Yesu naw' alamwishul' ati ''Ni habha halih' ikintu kibhi wumvishije mvuga n' ukinyagilize , kandi ninabha ndamwishuye neza ni kubhel' ik' unkubhise? 24Maze Anasi atuma Yesu bhamujana kwa Kayafa, umuhelezi mukulu bhamubhoshe.25Maze kuko Simoni Petero yali hagaze ngaho yot' umulilo; abho bhantu bhalamubwila bhati ''Ko tubhona nawe nyene ul' umwe mubhigishwa bhiwe?"' Alihakan' ati '' Sindi mulibho'' 26Umwe mubhakozi bh' umuhelezi mukulu kandi yavukana na wawundi Petero yach' ugutwi alavug' ati ''Si wewe nabhonye hamwe nawe haliya muli dyatongo?'' 27Petero yongela kwihakana maz' isake nay' ich' ilabhika.28Maze bhavana Yesu kwa Kayafa bhamutwala munzu y' abhasilikale yitwa Pulayitoliyo. Hali mugitondo chane. Aliko bho ntibhinjiye mwi Pulayitoliyo kugila ntibhahumane bhagahava bhanagwa kudy' umusi mukulu wa Pasika. 29Maze Pilato alaza alabhabhaz' ati ''Uwu muntu mu muleg' iki? 30Bhalamwishula bhat' ''Uwo munt' iyabh' atagichumulo yakoze ntitwali kumukuzanila.''31Pilat' alabhabwil' ati ''Ni mu mujane mumwihanile nkuko mutegekwa n' ivyagezwe vyanyu.'' Nabho bhalamwishula bhati ''Ichagezwe chachu ntikitwemelela kwich' umuntu''. 32Ivyo bhabhivuze kugil' ijambho dya Yesu lishichwe , lidya yali yavuze kuvyelekelanye n' ulupfu gwiwe.33Maze Pilato yongela kwinjila mw' Ipulayitoliyo ahamagala Yesu maz' alamubhaz' ati ''Wew' ul' Umwami w' Abhayuda? '' 34Yes' alamwishul' ati ''Wew' umbhaza kuk' ushaka kubhimenya chankwe kukw' alabhantu bhagutumye kubhimbhaza?'' 35Mze Pilat' alamwishul' ati ''Ntumenya neza yuko njewe ntal' Umuyuda, sikwo? Ihanga dyawe hamwe n' umuhelezi mukulu nibho bhakunzaniye; mbwila wewe wakoz' iki?36Yes' alishul' ati ''Ubwami bwanje s' ubwayinosi, iyo bwabh' ubwayinosi mfis' abhakozi bhenshi bhali kungwsanilila kugila simfatwe n' Abhayuda. Nukuli ubwami bwanje s' ubwayinosi. Nukwo. 37Pilat' alamibhaz' ati ''None wew' ul' Umwami?'' Yes' alamwishul' ati ''Wewe nyen' ulavyivugiye yuko nd' umwami; iki nicho navukiye kandi nicho chanzanye mwayinosi, kugila ngo mbh' ichabhona ch' ukuli. Umuntu wes' akund' ukuli yumviliz' ijwi dyanje.38Pilat' alamubwil' ati ''Ukuli n' iki? '' Amaze kubhivug' asubhila kubhayuda alabhabwil' ati ''Nta gichumulo mbhona kuliwe''. 39Mwebwe mufis' umugenzo wo kunsabha yuko nobhalekulil' imbhoh' imwe kumusi mukulu wa Pasika. None mwipfuza yuko nobhalekulil' Umwami w' Abhayuda?''. 40Bhalasemelela bhati ''Oya siwe dushaka, tulekulile Baraba''. Kandi Baraba yal' igisuma gikomeye.
1Maze Pilat' afata Yesu alamukubhita. 2Bhabhasilikale bhasogot' amahwa bhayakolamw' igichibho. Bhagishila kumutwe wiwe, kandi bhamwambik' inyambhala bhami. 3Bhalamubwila bhati ''Ulaho Mwami w' Abhayuda! Bhamukubhitish' amabhoko yabho.4Maze Pilato alabhabwil' ati ''Ni mulabhe uwu muntu damubhazaniye kuko nta kibhi namubhonyeko'' 5Maze Yes' asohoka hanze bhamwambhich' ichibho ch' amahwa mumutwe hamwe n' umwambhalo w' abhami. Maze Pilato alabhabwil' ati ''Labha nguwu hano'' 6Maz' umuhelezi mukulu hamwe n' abhatwele bhamubhonye bhalasemelela bhati Mubhambhe! Mubhambhe! '' Pilato alabhabhaz' ati ''Ni mugende nawe mumwibhambhile mwebwe kuko njewe nta kibhi namubhonyeko''.7Abhayudfa bhalishula Pilato bhati ''Twebwe tulafis' amategeko yachu, kandi bhikwiliye yukw' apafa kuko yigelelanije n' Imana.'' 8Pilat' amaze kuvyumva bhikomeza kumutel' ubwobha. 9yinjila mw' Ipurayitoriyo, yongela kubhaza Yes' ati ''Wewe uvahe? Aliko Yesu ntiya mwishuye.10Maze Pilat' alamubhaz' ati ''Si ndiko ndavugana nawe? Wewe ntumenya yuko mfis' ubhushobhozi bwo kukulekula chankwe kukubhambha?'' 11Yes' alamwishul' ato ''Wewe nta bhubhasha wali kugila kuli njewe nuko gusa wabhuhawe n' ijulu.Nuko lelo uwanzany' iwaw' afis' igichumulo kinini''.12Pilato yumvishij' izo nyishu yipfuza kumulekula. Abhayuda bhatel' ugwamo bhati ''Ni wamulekul' uzobh' utal' umugenzi wa Kayisari: Umuntu wesi yiyis' umwami abh' al' umwansi wa Kayisari.'' 13Pilat' avyumvishije azana Yesu hanze maze yichala ku ntebhe y' imanza mu kibhanza chitwa Gabhata.14Kumusi wo kwitegula umaze gushika hali nk' isaha mukaga. Pilato alabwil' Abhayud' ati ''Nimwakil' Umwami wanyu'' 15Bhalasemelela bhati ''Mwiche!, Mwiche! Ni mumubhambhe!'' Pilat' alabhabwil' ati ''None mushaka yuko nobhambh' Umwami wanyu? '' Maz' Umuhelezi mukulu alishul' ati ''Twebwe nta wundi mwami dufise; umwami wachu ni Kayisari'' 16Maze Pilat' abhaheleza Yesu ngo bhamwibhambhile.17Maze bhajana Yesu naw' agenda yikoley' umusalabha wiwe kugez' ahitw' Igahanga, mu gihebhulayo bhahit' Igolugota. 18Maze bhabhambha Yesu hamwe n' abhagabho bhabhili umwe mubhdyo uwundi mubhumoso Yes' aja hagati yabho.19Maze Pilato yamndik' ichandiko agishila k' umusalabha wiw' ati YES' UMUNYENAZARETI, UMWAMI W' ABHAYUDA. 20Bhenshi mu Bhayuda bhalabhisoma kuko hali luhande y' umuhalulo. Vyali vyandichwe mugihebhulayo, mukilatini hamwe no mukigiliki.21Maz' abhakulu bh' abhahelezi bhabwila Pilato ati ''Ntiwandike ngo n' umwami w' Abhayuda , andika ngo 'Umwe yiyis' Umwami w' Abhayuda''. 22Pilato alabhishul' ati ''Ivyo namaze kwandika navyandiche''23Bhamaze kumubhambha bh' abhasilikale bhagabhul' imyambhalo yiwe mu bhiche bhine, kandi ni kanjo yiwe nyene, kandi yal' igunye guhela hejulu. 24Bhalavugana bhati ''Nti tuyisatule, ahubwo tuyikolel' ubhufindo kugila tumenye ninde yoyitwala''. Ivyo vyabhaye kugila chachandichwe gishike ngo ''Bhagabhuy' imyambhalo yanje, kand' ikanjo yanje bhayikoleyek' ubhufindo.''25Igihg' abhasilikale bhamugili' ivyo; Mariya nyina wa Yesu, Mwene wabho na Mariya, Mariya muka Keleopa na Mariya Magadalena bhali bhahagaze luhande gw' umusalabha wa Yesu. 26Yes' abhonye nyin' ali kumwe na wa mwigishwa wiwe yakunda bhahagazeho alavug' ati ''Mama labha uwo n' umwana wawe!'' 27Maz' abwila wa mwigishwa naw' ati ''Labha nyoko wawe nguwo'' . Guhel' iyo saha wa mwigish' amujana muhila kwiwe.28Hanyuma yivyo kuko Yesu yamenya yukw' ivyandichwe bhishikijwe maz' alavug' ati ''Mfis' inyota'' 29Ngaho hafi halih' igikolesho chuzuy' umululazi bhagishila kw' isifongo bhalamushilila kumunwa ngw' anywe. 30Maze Yes' ayumvilije, alavug' ati ''Bhilaheze''. Maze yunamik' umutwe wiw' alachikana.31Kuko wal' umusi wo kwitegula kand' imibhil' italikwiliye kuguma kumusalabha kumusi w' isabhato(Kuk' uwo musi wali wubhashwe) abhayuda bhasabha Pilato yukw' amagulu yabho bhabhabwe yovunagugwa kandi n' imibhili yabh' ivanwe kumusalabha. 32Abhasilikale bhalaza bhavun' amagulu y' umuntu wa mbhele hamwe n' uwakabhili muli bhadya bhali bhabhambhanywe na Yesu. 33Bhageze kuli Yesu bhasanga yamaze guchikana ntibhany' amagulu yiwe.34Umwe mubhasilikale yachumise Yes' ichumu mulubhavu maze hasesekamw' amazi n' amalaso. 35Kand' uwabhibhonye niw' abhivuganila kand' avug' ukuli. Alazi neza yukw' abhabwiy' ukuli kugila namwe mwizele.36Ibhi vyabhaye kugila vya vyandichwe bhisohozwe ngo ''Nta gufa dyiwe na limwe dyavunaguwe.'' 37Kandi haliho n' ivyandichwe bhindi bhivuga ngo ''Bhazokwilebhel' uwo bhachumise''38Hanyuma yivyo Yozefu wi Arimataya kandi yal' umwigishwa wa Yesu mwibhanga, kuko yatiny' Abhayuda yalaje asabha Pilato yuko yomuhelez' umubhili wa Yesu. Maze Pilato alabhimwemelela; Yozef' alaza gutwal' uwo mubhili wa Yesu. 39Maze Nikodemu wa wundi yaza kuli Yesu mwijolo naw' azan' ibhimota vyinshi hamwe n' Udi, kand' ubhulemele bwavyo vyali nk' ilatil' ijana.40Nuko bhazingila wa mubhili wa Yesu mumyambhalo yela hamwe n' ibhimota chane nkuko wal' umugenzo w' abhayuda mu kuzika. 41Luhande ya hadya Yesu yabhambhiwe halih' itongo kandi mulidyo halimw' izikilo lishasha nta,muntu yali bwalizikemwo na limwe. 42Kuko wal' umunsi w' abhayuda kwitegula, kandi kukw' idyo zikilo dyali hafi , maze bhadyamikamwo Yesu.
1Mugitondo chane bhutalacha kumubhagwa wa mbhele, Mariya Magadalena yaje kw' izikilo; abhona yuko dya bhuye dyavanweho kw' izikilo. 2Maz' agenda yiluka kuli Simoni Petero hamwe no kuli wa mwigishwa wundi ya kundwa na Yesu, maz' alamubwil' ati ''Umwami wachu bhamuvanye mw' izikilo ntitumeny' iyo bhamujanye''3Maze Petero na wa mwigishwa wundi bhalagenda bhelekeza kw' izikilo. 4Bhosi bhagiye bhihuta; uwo mwigisha wund' agenda yiluka gusumvya Petero ashika kw' izikilo ningoga. 5Alahagalal' alabhamwo; abhona vyabhitambhala bhizingazinzwe, aliko ntiyinjiyemwo.6Maze Simoni Petero naw' alaza yinjila mw' izikilo. Abhona vyabhitambhala vyela bhilambicheho. 7Kandi wa muswalo bhali bhahambhilij' umutwe wali dyamye wonyene luhande gw' ivyo bhitambhala.8
1Hanyuma yivyo Yesu yaliyelekanye kubhigishwa bhiwe kukiyaga Tiberiya, uku nikwo vyagenze 2Simoni Petero yali hamwe na Toma uwo bhatazila Didimasi ,Nathanael w' Igalilaya abhahungu bha Zebedayo hamwe n' abhandi bhigishwa bhabhili bha Yesu. 3Simoni Petero alabhabwil' ati '' Njewe ngiye kulobh' ifi'' nabho bhalamwishula bhati '' natwe tulajana nawe'' Bhalagenda bhinjila mu bwato aliko mwidyo jolo nta nakimwe bhalonse.4Bhukeye mugatondo Yes' ahagalala ku nkombhe alikw' abhigishwa ntibhamumenya yukw' ali Yesu. 5Maze Yes' alabhabwil' ati Bhasole mwobha mufise ichochosi cho kudya? nabho bhalishula bhati ''Oya ntacho dufise'' 6Alabhabwil' ati ''Ni mutelel' ub hutimbha bwany' ibhudyo namwe mulalonka'' Nukwo lelo bhatelelamwo bwa bhutimbha, bhananigwa kubhukwega kuko halimw' ifi nyinshi.7Wa mwigishw' akundwa na Yes' abwila Peter' ati ''N' Umwami'' . Maze Simonin Petero amaze kwumva yukw' al' Umwami, yambhala ningog' umwambhalo (Kuko ntiyali yambhaye neza), maze yivulunga mu kiyaga. 8Bha bhigishwa bhasigaye bhaza mu bwato(Kuko bhali mu ntambhuko zigel' ijana kuva ku nkombhe) nao bhaza bhakwega bwa bhutimbha bwuzuy' amafi. 9Bhagez' imusozi bhasangah' umulile waka hatazekw' ifi hamwe n' umukaye.10Yes' alabhabwil' ati '' Ni muzane zimwe mu masamaki muvuye kulobha''. 11Maze Simoni Petero alulila azana bwa bhutimbha bwali bwuzuy' isamaki zinini, aliko ntibwatabhuche.12Yes' alabhabwil' ati ''Ni muze mukole kumunwa'' Kandi nta numwe mubhigishwa yagelageje kumubhaz' ati ''wew' ulinde''? Bhamenye yukw' al' Umwami. 13Yes' alaz' atola wamukate, maz' alabhaheleza kand' akola gutyo no, kuli za samaki. 14Bwal' ubwagatatu Yesu yiyelekana kubhigishwa bhiw' amaze kuzuka mu bhapfuye.15Amaze gufungula , Yes' abhaza Simoni Petero ati ''Simoni Mwene Yohana, mbhes' ulankunda gusumbha bhano? Petero alishul' ati ''Yego Mwami; wew' ulazi nezayuko ndagukunda.'' Yes' alamwishul' ati ''Gabhulil' inyagazi y' intama zanje''. 16Asubhil' ubwakabhili, alamubhaz' ati ''Simoni mwene Yohan' ulankunda?'' Petero alamwishul' ati ''Yego Mwami ;wewe nyen' ulazi yuko ndagukunda, Yes' alamwishul' ati ''Gabhulil' intama zanje.''17Yongela kumunbwil' ubwagatatu ati ''Simini mwene Yohana, wobh' unkunda gusumvya bhano bhosi? Petero bhilamubhabhaza chane kuko yongeye kubhimubhaza ngo ''Mbhesi wewe wobh' unkunda?. Maz' alamwishul' ati ''Mwami wew' umenya vyosi; ulazi yuko ndagukunda''. Yes' alamubwil' ati ''Gabhulil' intama zanje.'' 18Nukuli ndakubwile neza yuko chagihe wal' umusole waliyambhik' ukagenda bhul' ahantu hosi washaka; aliko ni wamala kubh' umutama uzogolol' amabhoko, kand' uwundi munt' azokujan' ah' udashaka kuja.''19Yesu yabhimubwiye yelekan' ulupfu Petero azopf' ashimish' Imana. Amaze kubhivuga maz' abwila Petero ati ''Nkulikila''.20Petero yalahindukiy' abhona wa mwigishwa yakundwa chane na Yes' alaikw' alabhakulikila- kand' uwo yali yegamiye mugatuntu kwa Yesu kuli dya sangilo dy'a kakagolobha yabhaza Yes' ati ''Mwami uwuza kukuguza ninde?'' 21Peter' amubhony' abhaza Yes' ati '' Mwami , non' uw' azokol' iki?''22Yes' alamwishul' ati ''Mbhaye nshache yukw' abaho kugeza ngaluche , non' ivyo bhila kulabha?Nkulikila. 23Maz' iyo nkul' ikwilagila mulibho, yuk' uwo mwigish' atazopfa. Aliko Yesu ntiyabwiye Petero nguwo mwigishwa ntazopfa. Yavuz'ati '' Mbhaye nshaka yukw' agumaho kugeza ngaluche wewe bhilakulabha?''24Uwu niwe mwigish' abhishingil' intahe, kandi niw' avyandiche kand' intahe yiwe n' iy' ukuli. 25Haliho vyinshi chane vyakozwe na Yesu. Iyo vyandikwa vyosu nibhaza yukw' isi itali gukwigwa n' ibhiytabho vyali kwandikwa.